Ingene twosenga: Igisabisho ca Dawe wa twese coba ari co kibereye?
Inyishu Bibiliya itanga
Igisabisho ca Dawe wa twese kiratwereka ingene dukwiye gusenga n’ivyo twoshira mw’isengesho. Yezu yabwiye iryo sengesho abigishwa biwe igihe bamusaba bati: “Mukama, twigishe gusenga.” (Luka 11:1) Ariko, igisabisho ca Dawe wa twese si ryo sengesho ryonyene Imana yemera. a Ahubwo, Yezu yagitanze nk’akarorero k’amasengesho Imana yemera.
Ibi ni vyo tuza kubona muri iki kiganiro:
Ni ibiki bivugwa mu gisabisho ca Dawe wa twese?
Igisabisho ca Dawe wa twese kiri muri Matayo 6:9-13, kivugwa mu buryo butandukanye mu ma Bibiliya menshi. Raba uburorero bubiri.
Bibiliya y’isi nshasha: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe. Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru. Uduhe uno musi ibifungurwa vyacu vy’uyu musi; uduhebere imyenda yacu nk’uko natwe twayihebeye abayidufitiye. Kandi ntutujane mu kigeragezo, mugabo uturokore mu kudukiza wa mubisha.”
Bibiliya Yera: “Nuko musenge murtya, muti Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe, ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru. Uduhe ivyo kurya dukwiranye uyu musi; uduhebere imyenda yacu, nk’uko natwe twahebeye abari mu myenda yacu; kandi ntutujane mu bitwosha nabi, arik’udukize wa Mubi.” b
Igisabisho ca Dawe wa twese gisobanura iki?
Ivyo Yezu yigishije birafitaniye isano n’ibindi Vyanditswe. Ntibitanganje kubona ibindi bintu bivugwa muri Bibiliya bidufasha gutahura insobanuro y’ico gisabisho ca Dawe wa twese.
“Dawe wa twese uri mw’ijuru”
Birabereye ko tuvuga ko Imana ari “Data” kubera ko yaturemye kandi iraduha ubuzima.—Yesaya 64:8.
“Izina ryawe niryezwe”
Izina ry’Imana Yehova rikwiye guterwa iteka no kubonwa ko ari ryeranda. Abantu baratuma izina ry’Imana ryezwa igihe bavuga ivyerekeye kamere zayo n’igihe babwira abandi imigambi yayo.—Zaburi 83:18; Yesaya 6:3.
“Ubwami bwawe nibuze”
Ubwami bw’Imana ni intwaro yo mw’ijuru, Yezu akaba ari Umwami wabwo. Yezu yatwigishije gusenga dusaba ko iyo ntwaro yoganza kw’isi yose.—Daniyeli 2:44; Ivyahishuwe 11:15.
“Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru”
Imana igomba ko abantu baba kw’isi ibihe bidahera bari mu mahoro n’umutekano nk’uko ata bubisha n’urupfu biri mw’ijuru.—Zaburi 37:11, 29.
“Uduhe uno musi ibifungurwa vyacu vy’uyu musi”
Mu gihe ca Yezu, umukate yari imfungurwa nyamukuru. Turakwiye kwibuka ko Umuremyi wacu ari we aturonsa ibintu dukenera kugira tubeho.—Ivyakozwe 17:24, 25.
“Uduhebere imyenda yacu nk’uko natwe twayihebeye abayidufitiye”
Ng’aho, ijambo “imyenda” ryerekeza ku bicumuro. (Luka 11:3-5) Abantu bose baracumura kandi barakeneye kubabarirwa. Ariko nimba twipfuza kuronka imbabazi z’Imana, dutegerezwa kwitegurira kubabarira abandi igihe baducumuyeko.—Matayo 6:14, 15.
“Ntutujane mu kigeragezo, mugabo uturokore mu kudukiza wa mubisha”
Yehova Imana ntiyigera atugerageza gukora ibibi. (Yakobo 1:13) Ariko turageragezwa na “wa mubisha,” Shetani akaba yitwa kandi “Umugerageji.” (1 Yohani 5:19; Matayo 4:1-4) Turasaba Yehova adufashe kuguma tumugamburukira igihe tugeragejwe gukora ibintu bibi.
Gusubiramwo igisabisho ca Dawe wa twese bwoba ari bwo buryo bwonyene bwo gusenga?
Yezu yatanze igisabisho ca Dawe wa twese nk’akarorero twokwisunga. Ntigikwiye gusubirwamwo ijambo ku rindi. Gatoyi imbere y’uko Yezu avuga igisabisho ca Dawe wa twese yatanze ingabisho igira iti: “Igihe usenga, ntusubiremwo vya bindi nyene kenshikenshi.” (Matayo 6:7) Haciye igihe, yarasubiyemwo iryo sengesho ry’akarorero ariko akoresheje ayandi majambo.—Luka 11:2-4.
Uburyo bwiza bwo gusenga, ni ukubwira Imana ibiri ku mutima.—Zaburi 62:8.
Twosenga gute?
Igisabisho ca Dawe wa twese ni akarorero keza k’ingene twosenga kugira Imana itwumve. Raba ingene ibindi vyanditswe vyo muri Bibiliya bijanye n’isengesho bishigikira ico ciyumviro.
Nusenge Imana yonyene
Icanditswe: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana.”—Abafilipi 4:6.
Ico bisobanura: Dukwiye gusenga Imana, atari Yezu, Mariya canke aberanda. Kuba igisabisho ca Dawe wa twese gitangurwa n’amajambo agira ati: “Dawe wa twese,” bitwigisha ko dukwiye gusenga Yehova Imana wenyene.
Nusenge usaba ibihuye n’ukugomba kw’Imana
Icanditswe: “Ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, i[ra]twumva.”—1 Yohani 5:14.
Ico bisobanura: Turashobora gusenga dusaba ibintu vyose bihuye n’ukugomba kw’Imana. Kuba Yezu yarashize mu gisabisho ca Dawe wa twese amajambo agira ati: “ukugomba kwawe nigukorwe” yariko aratwigisha ingene ukugomba kw’Imana guhambaye. Turashobora kumenya umugambi Imana ifitiye isi n’abantu mu kwiga Bibiliya.
Nushire mw’isengesho ibikuraje ishinga
Icanditswe: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira.”—Zaburi 55:22.
Ico bisobanura: Imana iritwararika ibituraje ishinga. Nk’uko Yezu yasavye ibintu bitandukanye muri ca gisabisho ca Dawe wa twese, na twebwe turashobora gusenga dusaba ivyo dukenera buri musi, ko Imana yotuyobora igihe dufata ingingo zihambaye, ko yodushigikira igihe turi mu ngorane hamwe n’uko yotubabarira ibicumuro vyacu. c
a Nk’akarorero, hari amasengesho Yezu n’abigishwa biwe basenze batarinze gukoresha ya majambo nyene ari mw’isengesho ry’akarorero.—Luka 23:34; Abafilipi 1:9.
b Muri Bibiliya Yera, igisabisho ca Dawe wa twese gisozerwa n’amajambo agira ati: “Kuk’ubgami n’ubushobozi n’icubahiro ar’ivyawe ibihe bidashira. Amen.” Ayo majambo yo gushemeza Imana, araboneka kandi mu yandi Mabibiliya amwamwe. Yamara, igitabu gisigura Bibiliya (The Jerome Biblical Commentary) kivuga giti: “Ayo majambo yo gushemeza Imana . . . ntaboneka mu vyandikano vyandikishijwe iminwe vyinshi vyo kwizigirwa.”
c Abumva ko bakeneye imbabazi z’Imana barashobora kwiyagiriza cane ku burya bibagora gusenga. Yehova abwira abantu mwene abo ati: “Tugorore ibintu hagati yacu.” (Yesaya 1:18) Ntazokwirengagiza uwo wese yipfuza imbabazi ziwe.