INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA
Itanguriro 1:26: “Tureme umuntu mw’ishusho yacu”
“Imana yongera kuvuga iti: ‘Tureme umuntu mw’ishusho yacu, nk’uko dusa, aganze amafi yo mu kiyaga, n’ibiremwa biguruka vyo mu kirere, n’ibitungwa, n’isi yose, n’igikoko kigendagenda cose kigendagenda kw’isi.’”—Itanguriro 1:26, Bibiliya y’isi nshasha.
“Imana iravuga, iti Tureme umuntu mw ishusho yacu, ase natwe: aganze amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibitungano, n’isi yose, n’ivyikwega vyose, bigenda bikwega inda hasi.”—Itanguriro 1:26, Bibiliya Yera.
Ico mw’Itanguriro 1:26 hasobanura
Abantu baremwe mw’ishusho y’Imana, ivyo bikaba bisobanura ko bashobora kugaragaza kamere Imana ifise, nk’urukundo, impuhwe n’ubutungane. Ivyo birerekana igituma abantu bashobora kwigana Imana.
“Imana iravuga, iti Tureme umuntu mw ishusho yacu.” Imbere y’uko Yehova Imana a arema ikintu ico ari co cose, yararemye umumarayika afise ububasha, uwahavuye yitwa Yezu. “Ibindi bintu vyose vyaremwe mw’ijuru no kw’isi” biciye kuri Yezu. (Abakolosayi 1:16) Yezu afise kamere nk’iza Yehova. “Ni we shusho y’Imana itaboneka.” (Abakolosayi 1:15) Bica vyumvikana igituma Imana yabwiye Yezu iti: “Tureme umuntu mw ishusho yacu.”
“Aganze . . . ibitungano, n’isi yose.” Ibikoko ntivyaremwe mw’ishusho y’Imana. Ntivyahawe ubushobozi bwo kugaragaza kamere nk’iz’abantu, nk’urukundo kandi ntibifise ijwi ryo mu mutima. Naho ari ukwo, Imana iritwararika ineza y’ibikoko. Ni co gituma yavuze ko abantu ‘boganje’ ibikoko, ibishobora gusobanura kandi ngo “kugaba” (Bibiliya nyeranda) canke “kwitwararika.” Yehova yajeje abantu ibanga ryo kwitwararika ibikoko. (Zaburi 8:6-8; Imigani 12:10) Yehova yiteze ko abantu bitwararika neza isi n’ibifise ubuzima vyose biyibako.
Amakikuro yo mw’Itanguriro 1:26
Ibigabane bibiri vya mbere vyo mw’Itanguriro birerekana muri make ukuntu isi n’ijuru hamwe n’ibifise ubuzima vyaremwe. Ivyo Yehova yaremye vyose ni igitangaza, ariko abantu ni bo baremwe mu buryo budasanzwe kuruta ibindi bintu vyose. Igihe Imana yarangiza kurema, “[yarihweje] ikintu cose yari yakoze, isanga cari ciza cane.”—Itanguriro 1:31.
Nurabe aka kavidewo kugira umenye ibijanye n’inkuru y’irema iri mw’Itanguriro.
Ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye n’Itanguriro 1:26
Iciyumviro kitari co: Abagabo ni bo bonyene bafise ubushobozi bwo kugaragaza kamere nk’iz’Imana; abagore nta bwo bafise.
Ukuri: Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “umuntu” ryerekeza ku bantu bose, ni ukuvuga abagabo n’abagore. Bompi barashobora kugaragaza kamere nk’iz’Imana. Bompi barafise akaryo ko kwemerwa n’Imana no kuronka ubuzima budahera.—Yohani 3:16.
Iciyumviro kitari co: Imana ifise umubiri nk’uwacu.
Ukuri: “Imana ni Impwemu,” bikaba bisobanura ko idafise umubiri nk’uwo dufise. (Yohani 4:24) Naho rimwe na rimwe Bibiliya ivuga mu maso hayo, amaboko yayo, umutima n’ibindi, ziba ari imvugo ngereranyo zitwigisha ivyerekeye Imana mu buryo abantu bashobora gutahura.—Kuvayo 15:6; 1 Petero 3:12.
Iciyumviro kitari co: Mw’Itanguriro 1:26 haremeza ko Yezu ari Imana
Ukuri: Imana na Yezu bafitaniye ubucuti bukomeye nk’ubw’umwana na se, ariko si umuntu umwe. Yezu yavuze ko Imana imuruta. (Yohani 14:28) Kugira umenye vyinshi, nurabe ividewo ivuga ngo Yezu Kristu yoba ari Imana? canke usome ikiganiro kivuga ngo “Kubera iki Yezu yitwa Umwana w’Imana?”
Nurabe aka kavidewo kugira umenye incamake y’igitabu c’Itanguriro.
a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo “Yehova ni nde?”