Yohani wa mbere 3:1-24
3 Raba urukundo Data yadukunze uko rungana+, ku buryo twitwa abana b’Imana+! Kandi ico nyene ni co turi. Ni co gituma isi itatuzi+, kuko itamenye Imana+.
2 Bavukanyi nkunda, ubu turi abana b’Imana+, ariko ico tuzoba ntikirahishurwa+. Mugabo turazi ko niyamara guhishurwa tuzomera nka yo, kuko tuzoyibona nk’uko nyene iri.
3 Umuntu wese afise ico cizigiro gishingiye kuri yo*, arityorora+ nk’uko na yo ityoroye.
4 Umuntu wese aguma akora igicumuro aba ariko aragarariza amategeko, kandi igicumuro ni ubugarariji.
5 Murazi kandi ko Yezu yahishuwe kugira akureho ibicumuro vyacu+, kandi ntiyigeze acumura.
6 Umuntu wese aguma yunze ubumwe na we ntaguma acumura+. Umuntu wese aguma acumura ntiyamubonye canke ngo amumenye.
7 Bane banje, ntihagire uwubazimiza. Uwuguma akora ibigororotse aba ari umugororotsi nk’uko uyo na we ari umugororotsi.
8 Uwuguma acumura aba akomoka kuri Shetani*, kuko Shetani yamye acumura kuva mu ntango*+. Iki ni co catumye Umwana w’Imana aza*: ni ukugira asambure ibikorwa vya Shetani+.
9 Umuntu wese yavyawe n’Imana ntaguma acumura+, kuko urubuto* rw’Imana ruguma muri we. Ntaguma acumura, kuko yavyawe n’Imana+.
10 Ng’iki icerekana abana b’Imana n’abana ba Shetani*: uwutaguma akora ibigororotse ntakomoka ku Mana, eka mbere n’uwudakunda mwenewabo+.
11 Ng’ubu ubutumwa mwumvise kuva mu ntango: ni uko dutegerezwa gukundana+,
12 ntitumere nka Kayini yakomoka kuri wa mubisha akica mwenewabo+. None yamwiciye iki? Ni uko ibikorwa vyiwe vyari bibi+, ariko ivya mwenewabo bikaba vyari vyiza*+.
13 Bavukanyi, ntimutangazwe n’uko isi ibanka+.
14 Turazi ko twavuye mu rupfu tukaja mu buzima+, kuko dukunda abavukanyi bacu+. Uwudakundana aguma mu rupfu+.
15 Umuntu wese yanka mwenewabo ni umwicanyi+, kandi murazi ko ata mwicanyi azoronka ubuzima budahera+.
16 Ng’iki icatumenyesheje urukundo: ni uko Yezu Kristu yatwiguze+. Natwe rero dutegerezwa kwigura abavukanyi bacu+.
17 Ariko uwufise ibintu vyo muri iyi si hanyuma akabona mwenewabo ari mu bukene mugabo ntamwumvire impuhwe, yovuga gute ko akunda Imana+?
18 Bane banje, ntidukwiye gukundana mu majambo canke ku karimi+, ahubwo dukwiye gukundana mu bikorwa+ no mu kuri+.
19 Ivyo ni vyo bizotwereka ko turi mu kuri, kandi tuzohumuriza* imitima yacu imbere y’Imana
20 ku kintu cose imitima yacu yotwagiriza, kuko Imana iruta imitima yacu kandi ikaba izi ibintu vyose+.
21 Bavukanyi nkunda, nimba imitima yacu itatwagiriza, turavugana umwidegemvyo imbere y’Imana+,
22 kandi ico tuyisavye cose irakiduha+, kuko twubahiriza amabwirizwa yayo kandi tugakora ibiyihimbara.
23 Kanatsinda, iri ni ryo bwirizwa yaduhaye: ni uko twizera izina ry’Umwana wayo Yezu Kristu+ kandi tugakundana+, nk’uko yabidutegetse*.
24 Vyongeye, uwubahiriza amabwirizwa y’Imana aguma yunze ubumwe n’Imana, kandi Imana iguma yunze ubumwe na we+. Kandi turazi ko iguma yunze ubumwe natwe+ biciye ku mpwemu yaduhaye.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «kuri we.» Ni ukuvuga Yezu.
^ Mu kigiriki havuga ngo «kuri wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
^ Canke «ahishurwa.»
^ Canke «kuva igihe yatangura.» Ni ukuvuga igihe yatangura kugarariza Imana.
^ Ni ukuvuga urubuto rushobora kuvyara canke kwama.
^ Mu kigiriki havuga ngo «ba wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
^ Canke «vyari bigororotse.»
^ Canke «tuzojijura», «tuzokura amazinda.»
^ Ashobora kuba ari Yezu Kristu.