Abakorinto ba kabiri 10:1-18

  • Pawulo aburanira igikorwa ciwe (1-18)

    • Ibirwanisho vyacu si ivy’umubiri (4, 5)

10  Jewe Pawulo ndabinginga rero biciye ku bwitonzi n’ubuntu bwa Kristu+, naho nciye bugufi igihe ndi kumwe namwe amaso mu yandi+, ariko nkabatinyuka iyo tutari kumwe+.  Ndabinginga kugira ngo igihe nzoba ndahari ntibize bibe ngombwa ko nkoresha ubutinyutsi, ngafatira ingingo ruhasha bamwebamwe batubona nk’aho tubaho twisunga umubiri.  Naho tubayeho mu mubiri, ntiturwana intambara twisunga ico turi mu mubiri.  Kuko ibirwanisho vy’intambara yacu atari ivy’umubiri+, ahubwo Imana ni yo ituma ibirwanisho vyacu bigira ububasha+ kugira dutembagaze ibintu bikomeye cane.  Turatembagaza ivyiyumviro n’ikintu cose gihanitse gihaguruka ngo kirwanye ubumenyi bw’Imana+, kandi iciyumviro cose turakigira imbohe kugira kigamburukire Kristu.  Kandi turiteguriye guhana ukugambarara kwose+, nimwamara kwerekana ko mugamburuka bimwe bishitse.  Mwebwe muraba ibintu mwisunze ukuntu biboneka inyuma. Nimba hari uwiyumvamwo neza ko yegukira Kristu, niyongere azirikane iki kintu: ukwo nyene yegukira Kristu, ni ko natwe tumwegukira.  Kuko naho nokwirata kanini ku vyerekeye ububasha Umukama yaduhaye bwo kububaka atari ubwo kubasambura+, sinomaramara.  Mu kuvuga ivyo, sinshaka ko mubona umengo ngerageza kubatera ubwoba biciye ku makete yanje. 10  Kuko bavuga ngo: «Amakete yiwe araremereye kandi afise inguvu, mugabo iyo ari ng’aha ubona akengeretse, n’ivyo avuga biragayitse.» 11  Abavuga ukwo nibamenye yuko ivyo tuvuga* biciye ku makete iyo tutahari ari na vyo tuzokora* nitwahishikira+. 12  Kuko tutubahuka kwishira mu mugwi umwe na bamwebamwe bishimagiza+ canke ngo twigereranye na bo. Mu gupima agaciro kabo bafatiye ku vyiyumviro vyabo bwite no mu kwigereranya bifatiyeko bo ubwabo, baba berekanye ko ata bwenge bagira+. 13  Mugabo twebwe ntituzokwiratira ibirenze ivyo twahawe gukora, ahubwo tuzokwiratira ivyo twakoreye mu cibare Imana yaduhaye* gishika n’iwanyu+. 14  Mu vy’ukuri, ntituriko turarenga akarimbi k’icibare twahawe nk’aho koba kadashika iwanyu, kuko twabaye aba mbere gushika iwanyu tuje kubamenyesha inkuru nziza yerekeye Kristu+. 15  Oya, ntituriko twirata inyuma y’imbibe twashingiwe, ngo twiratire akuya uwundi muntu yabize. Ahubwo twizigiye yuko ivyo twakoze bizoguma bitera imbere mu cibare cacu uko ukwizera kwanyu kuzobandanya kwongerekana. Tuzoheza dukore n’ibindi vyinshi, 16  maze tumenyeshe inkuru nziza mu bihugu vyo hirya yanyu, kugira ngo ntitwiratire ivyamaze gukorwa mu cibare c’uwundi. 17  «Mugabo uwirata, niyiratire Yehova*+ 18  Kuko uwishimagiza atari we ashimwa+, ahubwo hashimwa uwo Yehova* ashimagiza+.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «ari na co tuzoba mu bikorwa.»
Mu kigiriki havuga ngo «ico turi mw’ijambo.»
Canke «yadupimiye.»