Imigani 16:1-33
16 Umuntu arategura ivyiyumviro mu mutima wiwe*,ariko inyishu atanga* iva kuri Yehova+.
2 Umuntu abona ko inzira ziwe zose zigororotse*+,ariko Yehova ni we asuzuma imitima*+.
3 Nuragize Yehova ivyo ukora vyose*+,maze imigambi yawe izororanirwa.
4 Yehova yaratunganije ibintu vyose kugira bishitse umugambi wiwe,ku buryo n’ababisha barandurwa ku musi w’ivyago+.
5 Abantu bose bishima* barashisha Yehova+.
Umenye neza ko batazobura guhanwa.
6 Urukundo* n’ubwizigirwa ni vyo bituma ikosa ribabarirwa+,kandi gutinya Yehova ni vyo bituma umuntu yirinda ikibi+.
7 Iyo Yehova ahimbawe n’inzira z’umuntu,atuma mbere n’abansi biwe babana amahoro na we+.
8 Bike birimwo ubugororotsi+biruta vyinshi bitarimwo ubutungane+.
9 Umuntu yoshobora gupanga inzira mu mutima wiwe,ariko Yehova ni we ayobora intambuko ziwe+.
10 Umwami akwiye gushikiriza ingingo zihuye n’ukugomba kw’Imana*+.Ntakwiye kwigera agoreka ubutungane+.
11 Igipimo n’umunzane bitabesha biva kuri Yehova.Amabuye yose y’umunzane ari mw’isaho ni we yayaremye+.
12 Ibikorwa vy’ububisha birashisha abami+,kuko ubugororotsi ari bwo bukomeza intebe y’ubwami+.
13 Abami barahimbarwa n’umuntu avuga ibigororotse.
Barakunda umuntu avugisha ukuri+.
14 Ishavu ry’umwami rimeze nk’intumwa barungitse kwica umuntu+,ariko umuntu w’ubwenge* ararihwamika*+.
15 Gutoneshwa n’umwami bisobanura ubuzima,kandi gushimwa na we bimeze nk’igicu c’imvura mu mpeshi+.
16 Kuronka ubukerebutsi biruta kuronka inzahabu+,
kandi kuronka ubwenge* biruta kuronka ifeza+.
17 Inzira yagutse y’abagororotsi ituma birinda ikibi.
Uwiyubara mu nzira ziwe aba akingiye ubuzima bwiwe+.
18 Imbere yo gusenyuka habanza ubwishime,kandi imbere yo gutsitara habanza ubwibone+.
19 Kwicisha bugufi* mu bantu bitonda+biruta gusangira isahu n’abantu bibona.
20 Uwerekana ko afise ugutahura* azororanirwa*,kandi uwizigira Yehova arahiriwe.
21 Umuntu w’inkerebutsi aba afise ubushobozi bwo gutegera+,kandi uwufise amajambo y’igikundiro* ararushiriza kujijura+.
22 Ugutahura* ni isoko ry’ubuzima ku bagufise,ariko ibijuju bikosorwa n’ubupfu bwavyo.
23 Umutima w’umunyabwenge* utuma avuga ibintu birimwo ugutahura*+,kandi utuma ivyo avuga birushiriza kujijura.
24 Amajambo ahimbaye ni ikimamara c’ubuki,asosera umutima kandi agakiza amagufa+.
25 Hari inzira umuntu yibwira ko igororotse,ariko amaherezo igashikana ku rupfu+.
26 Umukozi arakora cane kugira aronke ico arya,kuko inzara iba imurembeje+.
27 Umuntu w’imburakimazi azura ibintu bibi+.Amajambo yiwe ameze nk’umuriro uturira+.
28 Umuntu w’umunyamahane* atera amatati+,kandi umubeshi* atandukanya abagenzi somambike+.
29 Umuntu w’inkozi y’ikibi arahendahenda mugenziweakamutwara mu nzira mbi.
30 Aguma avuna ingohe igihe ategura imigambi mibi,
akanyunya iminwa igihe ayishira mu ngiro.
31 Imvi ku mutwe ni urugori rw’ubwiza*+igihe rubonetse mu nzira y’ubugororotsi+.
32 Uwuteba gushavura+ aruta umurwanyi w’intwari,kandi uwuzi kwigumya* aruta uwigarurira igisagara+.
33 Umuntu arashobora kugira ubupfindo*+,ariko Yehova ni we ashinga ikivamwo+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «inyishu nziza.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «imigambi y’umutima ni iy’umuntu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «zityoroye.»
^ Canke «imvo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nuremeke Yehova ibikorwa vyawe.»
^ Canke «bishima mu mutima.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «n’ingingo zahumetswe.»
^ Canke «inkerebutsi.»
^ Canke «araryirinda.»
^ Canke «ugutegera.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «kwiyorosha mu mutima.»
^ Canke «ugutahura kwimbitse.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «azoronka ivyiza.»
^ Canke «amajambo meza.» Mu giheburayo havuga ngo «iminwa isosa.»
^ Canke «ugutahura kwimbitse.»
^ Canke «w’inkerebutsi.»
^ Canke «ugutahura kwimbitse.»
^ Canke «uwutegura imigambi mibi.»
^ Canke «uwambika ibara abandi.»
^ Canke «rw’ubuninahazwa.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «kuganza impwemu yiwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «guterera ubupfindo mu mukunjo w’impuzu yiwe.»