Imigani 26:1-28
26 Kurya bitabereye ko urubura* rugwa mu ci, n’imvura mu gihe c’iyimbura,ni ko bitabereye ko ikijuju giterwa iteka+.
2 Kurya nyene inyoni idashobora guhunga ata mvo, n’intamba ngo iguruke ata mvo,ni ko n’umuvumo udashobora kuza ata mvo y’ukuri ihari*.
3 Ikimoko kigenewe ifarasi, imigozi* igenewe indogobwa+,inkoni na yo igenewe umugongo w’ibijuju+.
4 Ntiwishure ikijuju wisunze ubujuju bwaco,kugira ntuhave umera nka co*.
5 Niwishure ikijuju wisunze ubujuju bwaco,kugira nticiyumvire ko giciye ubwenge*+.
6 Uwuzeza ibintu vyiwe ikijujuameze nk’umuntu yikomeretsa ku maguru ku buryo amugara.
7 Umugani uvuzwe n’umuntu w’ikijuju+umeze nk’amaguru anyoganyoga* y’umuntu amugaye.
8 Guha icubahiro umuntu w’ikijuju+bimeze nko kubohera ibuye ku mugozi bateresha ibuye.
9 Umugani uvuzwe n’umuntu w’ikijujuumeze nk’igiti c’amahwa kiri mu kuboko kw’imborerwa.
10 Uwuha akazi ikijuju canke umuntu wese arengana,ameze nk’umuntu arasagura imyampi igakomeretsa abo bitubiranye bose*.
11 Ikijuju kiguma gisubiramwo ubupfu bwacokimeze nk’imbwa igaruka ikarya ivyo yadashwe+.
12 Woba umaze kubona umuntu yiyumvira ko ari umunyabwenge*+?
Ikijuju kiramurusha kazoza keza.
13 Ikinebwe kivuga ngo: «Hariho intambwe mw’ibarabara,hariho intambwe mu kibanza rusangi*+!»
14 Umuryango uguma uzungurukira ku mapata* yawo,ikinebwe na co kikaguma cihindukiza mu gitanda caco+.
15 Ikinebwe gishira ukuboko mw’isahani y’ibifungurwa,ariko ukamengo carushe ku buryo bikinanira kukugarukana ku munwa+.
16 Ikinebwe cibwira yuko gifise ubwengegusumba abantu indwi batanga inyishu zumvikana.
17 Umuntu ariko ararengana agashavuzwa* n’amatati atamwerekeye+ameze nk’umuntu akwega amatwi y’imbwa.
18 Umusazi arasagura ibirwanisho vyaka umuriro be n’imyampi yica*
19 ameze nk’umuntu ahenda mugenziwe, maze akavuga ngo: «Nariko ndifyinira+.»
20 Ahatagira inkwi umuriro urazima,kandi ahatagira umubeshi* induru zirahera+.
21 Kurya umuntu yongereza amakara n’inkwi ku muriro,ni ko n’umunyamahane yongereza akariro mu matati+.
22 Amajambo y’umubeshi* ameze nk’ivyo kurya biryoshe*:Umuntu arabimira ubwo nyene bigaca bimanuka mu nda+.
23 Amajambo y’urukundo avuye ku mutima mubi+ameze nk’ifeza isize ku rujo.
24 Uwanka abandi ntabiserura n’akanwa kiwe,ariko mu mutima wiwe haba huzuyeyo ibinyoma.
25 Naho yovuga amajambo asosa, ntuze umwizigirekuko mu mutima wiwe hariyo ibintu indwi bishisha*.
26 Naho uburyarya bwopfuka urwanko rwiwe,ikibi ciwe kizoja ahabona mw’ishengero.
27 Uwimba ikinogo azokigwamwo,kandi uwutembagaza ibuye rizomugarukako+.
28 Umuntu abesha aranka uwo yababaje,kandi uwusigana inkore ku maso atuma abandi batemba+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ni ko n’umuvumo utabereye ata co ushikako.»
^ Canke «imijiginya.» Ni imigozi bambika ifarasi kugira bayiyobore. Iyo migozi iba iboheye ku kuma bacisha mu kanwa k’ifarasi.
^ Canke «ntuhave uja ku rugero rumwe na co.»
^ Canke «ko kiri n’ubukerebutsi.»
^ Canke «aregarega.»
^ Canke «igakomeretsa abantu bose.»
^ Canke «inkerebutsi.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «kw’isonga.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «akisuka.»
^ Canke «n’imyampi hamwe n’urupfu.»
^ Canke «uwambika ibara abandi.»
^ Canke «uwambika ibara abandi.»
^ Canke «nk’ibintu vyo kumiragurana umunoho.»
^ Canke «kuko ibiri mu mutima wiwe vyose bishisha.»