Ivyahishuriwe Yohani 4:1-11

  • Yohani yerekwa ubuninahazwa bwa Yehova mw’ijuru (1-11)

    • Yehova yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami (2)

    • Abakurambere 24 bicaye ku ntebe z’ubwami (4)

    • Ibinyabuzima bine (6)

4  Inyuma y’ivyo, mbona umuryango wuguruye mw’ijuru, kandi ijwi rya mbere numvise rivugana nanje ryari rimeze nk’iry’urumbete. Rimbwira riti: «Duga hano, nkwereke ibintu bitegerezwa kuba.»  Ivyo biheze, ubwo nyene impwemu ica itangura kunkorerako, maze mbona intebe y’ubwami mw’ijuru, kandi hari uwari ayicayeko+.  Uwari ayicayeko yasa n’ibuye ryitwa yasipi+ hamwe n’iryitwa sarudiyo*, kandi iyo ntebe yari ikikujwe n’umunywamazi usa n’ibuye ryitwa emerode+.  Hirya no hino y’iyo ntebe hariho intebe z’ubwami 24, kandi kuri izo ntebe hari hicaye abakurambere 24+ bambaye impuzu zera n’ingori z’inzahabu ku mitwe.  Kuri iyo ntebe haguma hava imiravyo+, amajwi n’imituragaro+. Imbere yayo hariho amatara indwi aguma yaka, ayo matara akaba agereranya impwemu indwi z’Imana+.  Imbere yayo hariho kandi ikintu kimeze nk’ikiyaga c’ikiyo+, gica ibibatsi nk’ibuye ryitwa kirisitalo. Hagati y’iyo ntebe no hirya no hino yayo hari ibinyabuzima bine+ vyuzuyeko amaso imbere n’inyuma.  Ikinyabuzima ca mbere casa n’intambwe+, ica kabiri casa n’ishuri+, ica gatatu+ cari gifise mu maso nk’ah’umuntu, ica kane+ na co casa n’inkona iriko iraguruka+.  Kimwekimwe cose muri ivyo binyabuzima bine cari gifise amababa atandatu yuzuyeko amaso hejuru no munsi+. Ijoro n’umurango vyaguma bivuga biti: «Mweranda, mweranda, mweranda ni Yehova*+ Imana Mushoboravyose, umwe yamyeho kandi ariho kandi ariko araza+  Igihe cose ivyo binyabuzima bininahaje, bigatera iteka kandi bigakengurukira Umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami, Umwe ariho gushika ibihe bidahera+, 10  ba bakurambere 24+ baca bapfukama imbere y’Umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami, maze bagasenga Umwe ariho gushika ibihe bidahera kandi bagaterera ingori zabo imbere y’iyo ntebe, bakavuga bati: 11  «Ewe Yehova* Mana yacu, urabereye kuronka ubuninahazwa+, iteka+ n’ububasha+, kuko waremye vyose+, kandi ukugomba kwawe ni kwo kwatumye bibaho, biraremwa.»

Utujambo tw'epfo

Canke «hamwe n’ibuye ry’agaciro ritukura.»