Ivyakozwe n’intumwa 15:1-41
15 Hanyuma abantu bamwe baramanuka bavuye i Yudaya, batangura kwigisha abavukanyi ngo: «Mutagenyerewe nk’uko bisabwa n’amategeko ya Musa+, ntimushobora gukizwa.»
2 Mugabo bamaze gucanamwo no guharira cane na Pawulo na Barunaba, hashingwa yuko Pawulo na Barunaba n’abandi bo muri bo baduga i Yeruzalemu+ kuraba intumwa n’abakurambere ku vyerekeye ico kibazo*.
3 Nuko abagize ishengero barabaherekeza gatoyi. Abo bagabo babandanya urugendo baca i Fenisiya n’i Samariya, bigana ido n’ido ingene abanyamahanga bariko barahinduka, batuma abavukanyi bose bagira umunezero mwinshi.
4 Bashitse i Yeruzalemu bakiriwe neza n’ishengero n’intumwa n’abakurambere, baraheza babiganira ibintu vyinshi Imana yari yakoze biciye kuri bo.
5 Ariko bamwe mu bo mu mugwi w’idini w’Abafarizayo bari basigaye bizera, barahaguruka aho bari bicaye bavuga bati: «Birakenewe ko bagenyerwa kandi bagategekwa kwubahiriza amategeko ya Musa+.»
6 Maze intumwa n’abakurambere bakoranira hamwe ngo bige ico kibazo.
7 Bamaze kukiganirako bimwe bikomeye*, Petero aca arahaguruka ababwira ati: «Bavukanyi, murazi neza yuko haciye igihe Imana intoye muri mwebwe kugira ngo biciye kuri jewe abanyamahanga bumve ijambo ry’inkuru nziza maze bizere+.
8 Kandi Imana, imwe izi imitima+, yarerekanye ko ibashigikiye mu kubaha impwemu nyeranda+ nk’uko natwe yayiduhaye.
9 Kandi nta tandukaniro na ritoyi yagize hagati yacu na bo+, mugabo yatyoroye imitima yabo biciye ku kwizera+.
10 Kubera iki none muriko murageza Imana mu kuremeka abigishwa umutwaro+ baba ba sogokuruza canke twebwe tutashoboye kwikorera+?
11 Ahubwo riho, dufise ukwizera ko dukizwa biciye ku buntu buhebuje* bw’Umukama Yezu+ cokimwe na bo+.»
12 Abari ng’aho bose baca baracereza, batangura kwumviriza ingene Barunaba na Pawulo bigana ibimenyetso vyinshi n’ibitangaza vyinshi Imana yakoze mu mahanga biciye kuri bo.
13 Bahejeje kuvuga, Yakobo avuga ati: «Bavukanyi, nimunyumvirize.
14 Simeyoni*+ yatwiganiye neza ingene Imana yitayeho amahanga ari bwo bwa mbere ngo iyakuremwo umugwi w’abantu witirirwa izina ryayo+.
15 Kandi ivyo birahuje n’ivyavuzwe n’abahanuzi nk’uko vyanditswe ngo:
16 “Inyuma y’ivyo bintu nzogaruka mvyure ihema* rya Dawidi ryatemvye. Nzosubira kwubaka aho ryasambutse, ndarisanure
17 kugira ngo abantu basigaye barondere Yehova* babigiranye umwete, bari kumwe n’abo mu mahanga yose bitirirwa izina ryanje, ni ko Yehova* avuze, we nyene gukora ivyo bintu+
18 bizwi kuva kera+.”
19 Ni co gituma iciyumviro* canje ari uko tutogora abo mu mahanga bipfuza gukorera Imana+.
20 Ahubwo twobandikira ngo birinde ivyahumanijwe n’ibigirwamana+, birinde ubusambanyi*+, ibinizwe* n’amaraso+.
21 Kuko kuva mu bihe vya kera hamye hariho abantu bamamaza ivyerekeye Musa mu bisagara vyose, ivyo yanditse bigasomwa n’ijwi ryumvikana mu masinagogi buri sabato+.»
22 Maze intumwa n’abakurambere hamwe n’ishengero ryose bafata ingingo yo kurungika i Antiyokiya abagabo batowe muri bo, bari kumwe na Pawulo na Barunaba. Barungitse Yuda yitwa kandi Barusaba be na Silasi+. Bari abagabo b’imboneza mu bavukanyi.
23 Babarungikanye ikete rivuga riti:
«Twebwe intumwa n’abakurambere, tukaba n’abavukanyi banyu, turabandikiye mwebwe abavukanyi bo mu mahanga muri i Antiyokiya+, i Siriya n’i Silisiya. Turabaramukije!
24 Twarumvise yuko hari bamwe muri twebwe baje bakababwira amajambo abadurumbanya+, bagerageza kubahungabanya, kandi ata co twabatumye.
25 Twese hamwe rero twafashe ingingo yo gutora abagabo tubarungikira bari kumwe n’abavukanyi bacu dukunda cane, ari bo Barunaba na Pawulo.
26 Abo bagabo bompi barahevye ubuzima bwabo ku bw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu+.
27 Turungitse rero Yuda na Silasi, ngo na bo nyene bababwire ku munwa ivyo twanditse muri iri kete+.
28 Kuko impwemu nyeranda+ hamwe na twebwe dushimye kutabongerako uwundi muzigo, kiretse ibi bintu vya nkenerwa:
29 kuguma mwirinze ivyashikaniwe ibigirwamana+, amaraso+, ibinizwe*+ n’ubusambanyi*+. Nimwitwararika kwirinda ivyo bintu muzotunganirwa. Nimukomere*!»
30 Nuko abo bagabo bamaze kubasezera, bamanuka i Antiyokiya, bakoraniriza hamwe abigishwa bose babaha iryo kete.
31 Bamaze kurisoma, baranezerwa kubera izo ndemesho.
32 Hanyuma Yuda na Silasi, kubera yuko na bo nyene bari abahanuzi, bashikiriza ijambo* abavukanyi akatari gake kugira babaremeshe, barabakomeza+.
33 Nuko bamazeyo igihe gitoyi, abavukanyi barabareka ngo bagende amahoro basubire ku babatumye.
34 * ——
35 Ariko Pawulo na Barunaba baguma i Antiyokiya bigisha bongera bamenyesha inkuru nziza y’ijambo rya Yehova*, bari kumwe n’abandi benshi.
36 Haciye imisi mikeyi, Pawulo abwira Barunaba ati: «Reka* dusubire mu bisagara vyose twamamajemwo ijambo rya Yehova*, tuje kuraba ingene abavukanyi baho bameze+.»
37 Barunaba yipfuza cane ko Yohani yitwa kandi Mariko, na we nyene bojana+.
38 Mugabo Pawulo ntiyashaka ko bojana kubera ko yari yarabasize i Pamfiliya, ntiyabandanya gukorana na bo+.
39 Baca barashavuranira, barashwana bimwe bikaze ku buryo batandukana. Barunaba+ aca afata ubwato, ajana na Mariko i Shipure.
40 Pawulo atora Silasi maze abavukanyi bamuragiza Yehova* n’ubuntu bwiwe buhebuje+, aca aragenda.
41 Aca i Siriya n’i Silisiya, akomeza amashengero.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ivyo bihari.»
^ Canke «kugiharirako cane.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Ni Simoni (Petero).
^ Canke «urusago», «inzu.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «ingingo.»
^ Canke «ivyishwe bidakuwemwo amaraso.»
^ Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «ni agasaga.»
^ Canke «ivyishwe bidakuwemwo amaraso.»
^ Canke «insiguro.»
^ Raba Inyongera ya A3.
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «dukore uko dushoboye kwose.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Inyongera ya A5.