Kuvayo 17:1-16

  • Bidoga kubera babuze amazi i Horebu (1-4)

  • Amazi ava mu gitandara c’ibuye (5-7)

  • Abamaleki batera maze bagatsindwa (8-16)

17  Ishengero ryose ry’Abisirayeli riva mu bugaragwa bwa Sini+, bagenda baragira urugendo rutoruto bisunze ivyo Yehova ababwira+. Baraheza bashinga amahema i Refidimu+, ariko basanga nta mazi yo kunywa ahari.  Abantu baca batangura gushwanira Musa+, bamubwira bati: «Duhe amazi yo kunywa!» Musa abishura ati: «Kubera iki munshwanira? Kubera iki muguma mugeza Yehova+  Ariko abantu bari banyotewe cane. Nuko baguma bidogera Musa+, bamubwira bati: «Wadukuriye iki mu Misiri? Washaka kutwicisha inyota, twe n’abana bacu n’ibitungwa vyacu?»  Amaherezo, Musa atakambira Yehova ati: «Aba bantu ndabagire gute? Hasigaye gatoyi bakanyicisha amabuye!»  Yehova aca abwira Musa ati: «Rengana uje imbere y’abantu, ujane n’abashingantahe bakeyi bo muri Isirayeli, ugende ufise na ya nkoni wakubita mu ruzi Nili+. Yifate mu ntoke ugende.  Nza kuba mpagaze imbere yawe hariya ku gitandara i Horebu. Uze gukubita igitandara, na co gica kivamwo amazi hanyuma abantu banywe+.» Musa aca abikora gutyo nyene imbere y’abashingantahe bo muri Isirayeli.  Aho hantu aca ahita Masa*+ na Meriba*+ kubera Abisirayeli bamushwaniye no kubera bagerageje Yehova+, bakavuga ngo: «Yehova turi kumwe canke ntituri kumwe?»  Hanyuma Abamaleki+ baza gutera Abisirayeli i Refidimu+.  Musa aca abwira Yosuwa+ ati: «Tora abagabo ugende kurwanya Abamaleki. Ejo nzohagarara hejuru ku musozi mfise ya nkoni y’Imana y’ukuri mu kuboko.» 10  Yosuwa aca akora ivyo Musa amubwiye+, aja kurwanya Abamaleki. Musa, Aroni na Huru+ baca baduga hejuru ku musozi. 11  Igihe cose amaboko ya Musa yaba ari hejuru, Abisirayeli baranesha, ariko ayamanuye gusa, Abamaleki baca babanesha. 12  Amaboko ya Musa atanguye kuruha, baca bafata ibuye barishira munsi yiwe, na we aryicarako. Hanyuma Aroni na Huru basegura amaboko yiwe, umwe hirya uwundi hino. Amaboko yiwe aca aguma hejuru gushika izuba rirenze. 13  Nuko Yosuwa atsinda Abamaleki* akoresheje inkota+. 14  Maze Yehova abwira Musa ati: «Andika ibi mu gitabu kugira abantu baze bavyibuke*, kandi ubisubiriremwo Yosuwa uti: “Nzofuta Abamaleki kw’isi* ku buryo ata wuzosubira kubibuka+.”» 15  Musa aca yubaka igicaniro, acita Yehova-Nisi*. 16  Avuga ati: «Ko Abamaleki* bihanze kurwanya intebe y’Ubwami ya Yehova*+, Yehova na we azorwana na bo uko urunganwe* rwabo ruzogenda rurakurikirana+

Utujambo tw'epfo

Iryo zina risobanura ngo «kugerageza», «ikigeragezo.»
Iryo zina risobanura ngo «gushwana.»
Mu giheburayo havuga ngo «Amaleki n’abantu biwe.»
Canke «kugira bize bibe icibutso.»
Canke «munsi y’ijuru.»
Iryo zina risobanura ngo «Yehova ni ikimenyetso canje.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko kw’Abamaleki.»
Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Canke «iyaruka.»