Kuvayo 39:1-43
39 Hanyuma bakora impuzu zijishe neza zikoreshwa mu bikorwa vy’ahantu heranda. Bazikoze mu nyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe* n’inyuzi zisa n’agahama+. Bakora za mpuzu nyeranda za Aroni+, nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa.
2 Akora ya efodi+ mu nzahabu, inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama n’inyuzi z’ilino* nziza zitsivye.
3 Bahondagura inzahabu gushika zibaye nk’udupapuro, na we azikataguramwo utunyuzi two kuvanga na za nyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama be n’ilino nziza. Iyo efodi yari ijishwe muri izo nyuzi.
4 Bakora ibitambara vyayo vyo ku bitugu, ic’imbere n’ic’inyuma, bifataniye hejuru ku bitugu.
5 Umukaba wo kugumya iyo efodi, wari ufatanye na yo kandi wari ujishwe+ mu bintu nyene iyo efodi ikozwemwo. Wari ukozwe mu nzahabu, inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye, nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa.
6 Batereka twa tubuye twa onigisi mu tugata tw’inzahabu maze batwandikako amazina y’abahungu ba Isirayeli, nka kurya kw’ivyandiko vy’ikidodo+.
7 Adushira kuri vya bitambara vyo ku bitugu vya efodi, kugira abahungu ba Isirayeli baze baribukwa+, nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa.
8 Hanyuma akora ka gapfuko ko ku gikiriza+, agakora ku buhinga nka kurya kwa efodi. Kari gakozwe mu nzahabu, inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye+.
9 Kazinzemwo kubiri kaca kamera nk’ikwadarato ifise uburebure n’ubwaguke bw’intambwe imwe y’ikiganza*.
10 Bagashirako imirongo ine y’utubuye tw’agaciro. Umurongo wa mbere wariko akabuye ka rubi, aka topazi n’aka emerode.
11 Uwa kabiri wariko akabuye ka tirikwaze, aka safiro n’aka yasipi.
12 Uwa gatatu wariko akabuye ka leshemu, aka agata n’aka ametisito.
13 Uwa kane na wo wariko akabuye ka kirizolito, aka onigisi n’aka yade. Utwo tubuye twari mu dukadre tw’inzahabu.
14 Twari twanditseko amazina 12 y’abahungu ba Isirayeli. Kamwekamwe kose kariko izina ry’umwe muri ya miryango 12, kandi ryari ryanditse nka kurya kw’ivyandiko vy’ikidodo.
15 Hanyuma bakora mu nzahabu itavanze imigozi itsivye yo gushira kuri ka gapfuko ko ku gikiriza+.
16 Bakora kandi utugata tubiri tw’inzahabu n’utugombo tubiri tw’inzahabu, maze bashira utwo tugombo ku mfuruka zibiri z’ako gapfuko.
17 Inyuma y’ivyo, bacisha iyo migozi ibiri y’inzahabu muri utwo tugombo tubiri turi ku mfuruka z’ako gapfuko.
18 Baraheza bacisha imitwe ibiri y’iyo migozi muri twa tugata tubiri turi ku bitambara vya efodi vyo ku bitugu, ku ruhande rwayo rw’imbere.
19 Bakora utundi tugombo tubiri tw’inzahabu, badushira ku mfuruka zibiri zo hepfo za ka gapfuko ko ku gikiriza, indani aharabana na efodi+.
20 Bakora n’utundi tugombo tubiri tw’inzahabu, badushira ku ruhande rw’imbere rwa efodi munsi ya vya bitambara bibiri vyo ku bitugu, hafi y’aho efodi ifatanirijwe, hejuru ya wa mukaba wayo ujishe.
21 Amaherezo, bafatisha ka gapfuko ko ku gikiriza umugozi usa n’ubururu ufatanya utugombo twako n’utugombo twa efodi. Ivyo vyatuma ako gapfuko kaguma gafashe kuri efodi, hejuru ya wa mukaba ujishe nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa.
22 Hanyuma akora ya kanzu itagira amaboko yo kwambara munsi ya efodi, ayikora yose mu nyuzi zisa n’ubururu nka kurya kw’umuhinga ajisha impuzu+.
23 Iyo kanzu yari ifise izosi risatuye hagati na hagati, nka kurya kw’izosi ry’ikoti y’ivyuma. Iryo zosi ryari rikikujwe n’umubariro kugira ntiritabuke.
24 Mu nyuma, bashira ku mushono wo hasi w’iyo kanzu udusharizo tw’amakomamanga dukozwe mu nyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe be n’inyuzi zisa n’agahama, vyose bitsibiye hamwe.
25 Baca bakora udusharizo tw’udukengeri mu nzahabu itavanze, badushira hagati ya twa dusharizo tw’udukomamanga, badukikuza umushono wo hasi w’iyo kanzu.
26 Baza barakurakuranya agakengeri n’agasharizo k’ikomamanga, babikikuza umushono wose wo hasi w’iyo kanzu bambara mu gikorwa c’ubuherezi, nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa.
27 Bakorera kandi Aroni n’abahungu biwe amakanzu y’inyuzi z’ilino nziza, ajishwe+ n’umuhinga mu kujisha impuzu,
28 ca gitambara bazingira mu mutwe+, twa dukofero*+ na ya mabutura*+ bikozwe mu nyuzi z’ilino nziza
29 hamwe na ya mikanda ikozwe mu nyuzi z’ilino nziza zitsivye, inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe be n’inyuzi zisa n’agahama bijishiwe hamwe, nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa.
30 Amaherezo, bakora mu nzahabu itavanze ka kuma gafyase gakayangana, ca kimenyetso ceranda*. Baraheza bakandikako nka kurya kw’ivyandiko vy’ikidodo ngo: «Ubweranda ni ubwa Yehova+.»
31 Baca bagashirako umugozi ukozwe mu nyuzi zisa n’ubururu kugira bakabohere kuri ca gitambara bazingira mu mutwe, nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa.
32 Nuko Abisirayeli barangiza ibikorwa vyose vyo kuri rya hema ryeranda, ari ryo hema ry’ibonaniro. Bakora ibintu vyose Yehova yari yategetse Musa+. Bakora gutyo nyene.
33 Maze bazanira Musa ibintu vyose bigize iryo hema ryeranda+, ushizemwo ibitambara vyaryo+ n’ibikoresho vyaryo vyose, udufatanisho twaryo+, ibizingiti* vyaryo+, udukoni twaryo+, inkingi zaryo n’udutafari dutoboye twazo+;
34 igitambara caryo gikozwe mu nshato z’intama zisize ibara ritukura+, igitambara caryo gikozwe mu nshato z’ibikoko vyitwa tahashi*, ya rido y’igikingirizo+;
35 ya sandugu y’isezerano*, ibibando* vyayo+ n’umufuniko wayo+;
36 ya meza, ibikoresho vyayo+ vyose n’imikate y’ishikanwa*;
37 ca kintu co guterekako amatara gikozwe mu nzahabu itavanze, amatara yaco+ atondetse ku murongo, ibikoresho vyaco+ vyose na ya mavuta yo kwatsa amatara+;
38 ca gicaniro+ c’inzahabu, ya mavuta meranda+, ya mibavu+ imota neza, ya rido*+ yo ku bwinjiriro bw’ihema;
39 ca gicaniro c’umujumpu+ n’akayungiro kaco k’umujumpu, ibibando vyaco+, ibikoresho vyaco vyose+, ca kibesani* n’ico bagiterekako+;
40 vya bitambara bigize ikigo, inkingi zaco, udutafari dutoboye twaco+, imigozi yaco n’imambo zaco+; ya rido*+ yo kw’irembo ry’ikigo n’ibikoresho vyose bikoreshwa kuri iryo hema ryeranda ari ryo hema ry’ibonaniro;
41 za mpuzu zijishe neza zikoreshwa mu bikorwa vyo kw’ihema, za mpuzu nyeranda za Aroni umuherezi+ hamwe n’impuzu abahungu biwe bazokwambara kugira bakore igikorwa c’abaherezi.
42 Abisirayeli bakoze ibikorwa vyose nk’uko Yehova yari yabitegetse+ Musa.
43 Nuko Musa asuzuma ivyo bari bakoze vyose, asanga babikoze nk’uko Yehova yari yamutegetse. Aca arabahezagira.
Utujambo tw'epfo
^ Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Yangana na santimetero nka 22,2. Raba Inyongera ya B14.
^ Dushobora kuba twari udutambara bazingira mu mutwe tukamera nk’udukofero.
^ Canke «uduhuzu two munsi.»
^ Canke «ca kimenyetso ceranda cerekana ko Aroni yeguriwe Imana», «urugori rweranda.»
^ Canke «amakadrema.»
^ Tahashi ni ibikoko biba mu mazi. Mu gifaransa bavyita phoques.
^ Mu giheburayo havuga ngo «ya sandugu y’icabona.»
^ Canke «iminiho.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «ca gikingirizo.»
^ Canke «ca gikono.»
^ Canke «ca gikingirizo.»