Kuvayo 40:1-38

  • Ihema ryeranda ryubakwa (1-33)

  • Ubuninahazwa bwa Yehova bwuzura ihema ryeranda (34-38)

40  Maze Yehova abwira Musa ati:  «Ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, uzokwubake iryo hema ryeranda ari ryo hema ry’ibonaniro+.  Uzoshirayo ya sandugu y’isezerano*+, uce uyikingiriza ya rido+.  Uzokwinjiza na ya meza+, upange neza ibintu vyo kuri yo, uce winjiza kimwe baterekako amatara+ hanyuma watse amatara yaco+.  Uzoshira ca gicaniro c’imibavu+ gihometseko inzahabu imbere y’iyo sandugu y’isezerano, uheze umanike ya rido* yo ku bwinjiriro bw’ihema+.  Uzoshira igicaniro c’amashikanwa aturirwa+ imbere y’iryo hema ryeranda, ari ryo hema ry’ibonaniro.  Uzoca ushira ca kibesani* hagati y’ihema ry’ibonaniro n’ico gicaniro, uheze ugisukemwo amazi+.  Hanyuma uzokwubaka uruzitiro+ rukikuje iryo hema ryeranda, uce umanika ya rido+ yo kw’irembo ry’ikigo.  Inyuma y’ivyo, uzotora ya mavuta meranda*+ uyasuke* kuri iryo hema n’ibiri muri ryo vyose+, uvyeze n’ibikoresho vyaryo vyose kugira ribe ryeranda. 10  Uzosuka amavuta ku gicaniro c’amashikanwa aturirwa no ku bikoresho vyaco vyose, uceze kugira kibe ceranda cane+. 11  Uzoyasuka no kuri ca kibesani* be n’ico bagiterekako, uvyeze. 12  Uzoce uzana Aroni n’abahungu biwe ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro, uboze n’amazi+. 13  Uze wambike Aroni za mpuzu nyeranda+, umurobanuze amavuta+ wongere umweze, maze ambere umuherezi. 14  Hanyuma uzozana ba bahungu biwe, ubambike ya makanzu+. 15  Uzobarobanuze amavuta nk’uko warobanuye se wabo+ kugira bambere abaherezi. Ivyo bizotuma ibanga ry’ubuherezi ribegukira, uko urunganwe* rwabo ruzogenda rurakurikirana+ 16  Musa akora ivyo Yehova yari yamutegetse+ vyose. Abikora gutyo nyene. 17  Yarangije gushinga iryo hema ryeranda+ ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, mu mwaka ugira kabiri. 18  Mu kwubaka iryo hema, Musa yashize hasi twa dutafari dutoboye+, aducomekamwo vya bizingiti*+, aca abifatanisha twa dukoni+, araheza ashinga inkingi zaryo. 19  Yaciye apfukisha iryo hema igitambara co munsi+, hanyuma arenzako vya bindi bitambara+ nk’uko Yehova yari yabimutegetse. 20  Inyuma y’ivyo, atora ya mabwirizwa*+, ayashira muri ya sandugu+. Araheza acomeka vya bibando*+ kuri iyo sandugu, ashirako na wa mufuniko wayo+. 21  Maze yinjiza iyo sandugu y’isezerano mw’ihema ryeranda, araheza amanika ya rido*+ ikingira iyo sandugu*+, nk’uko Yehova yari yabimutegetse. 22  Hanyuma yinjiza ya meza+ mw’ihema ry’ibonaniro, ayishira mu ruhande rwo mu buraruko, mu kibanza c’imbere y’iyo rido. 23  Araheza ayitondekako imikate igerekeranye+ imbere ya Yehova, nk’uko Yehova yari yabimutegetse. 24  Aca ashira ca kintu baterekako amatara+ mw’ihema ry’ibonaniro imbere y’iyo meza, ku ruhande rwo mu bumanuko bw’iryo hema. 25  Araheza yatsa amatara+ imbere ya Yehova nk’uko Yehova yari yabimutegetse. 26  Nuko ashira ca gicaniro+ c’inzahabu mw’ihema ry’ibonaniro, imbere ya ya rido y’indani, 27  kugira agifumbishirizeko umwotsi w’imibavu+ imota neza+, nk’uko Yehova yari yabimutegetse. 28  Hanyuma amanika ya rido+ yo ku bwinjiriro bw’ihema. 29  Ashira ca gicaniro c’amashikanwa aturirwa+ ku bwinjiriro bw’ihema ryeranda, ari ryo rya hema ry’ibonaniro, kugira agitangireko amashikanwa aturirwa+ n’amashikanwa y’intete, nk’uko Yehova yari yabimutegetse. 30  Araheza ashira ca kibesani* hagati y’ihema ry’ibonaniro na ca gicaniro, agisukamwo amazi yo gukaraba+. 31  Musa na Aroni n’abahungu biwe baca barakaraba ayo mazi bongera baroga ibirenge. 32  Igihe cose binjiye mw’ihema ry’ibonaniro canke begereye igicaniro, barakaraba+ nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa. 33  Amaherezo, yubaka uruzitiro+ rukikuje ihema ryeranda n’igicaniro, aca amanika ya rido yo kw’irembo ry’ikigo+. Nuko Musa arangiza ico gikorwa. 34  Igicu gica gitangura gupfuka iryo hema ry’ibonaniro, ubuninahazwa bwa Yehova bwuzura iryo hema+. 35  Musa ntiyashobora kwinjira mw’ihema ry’ibonaniro kuko ico gicu caguma hejuru yaryo, n’ubuninahazwa bwa Yehova bukaba bwari bwuzuye iryo hema+. 36  Igihe cose ico gicu kiduze kikava kuri iryo hema ryeranda, Abisirayeli baca basambura amahema bakabandanya urugendo+. 37  Ariko iyo kitaduze, ntibabandanya urugendo gushika umusi kiduze+. 38  Mu rugendo rwabo rwose, Abisirayeli bose barabona ko igicu ca Yehova caguma hejuru y’ihema ryeranda ku murango, mw’ijoro na ho umuriro ukaguma hejuru yaryo+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ya sandugu y’icabona.»
Canke «ca gikingirizo.»
Canke «ca gikono.»
Canke «uyarobanuze.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Canke «ya mavuta yo kurobanuza.»
Canke «ca gikono.»
Canke «iyaruka.»
Canke «amakadrema.»
Mu giheburayo havuga ngo «atora ca cabona.»
Canke «iminiho.»
Canke «ca gikingirizo.»
Mu giheburayo havuga ngo «ikingira ico cabona.»
Canke «ca gikono.»