Matayo 4:1-25

  • Shetani agerageza Yezu (1-11)

  • Yezu atangura kwamamaza i Galilaya (12-17)

  • Ahamagara abigishwa biwe ba mbere (18-22)

  • Yezu yamamaza, yigisha kandi agakiza (23-25)

4  Maze Yezu ayobowe n’impwemu nyeranda, aja mu bugaragwa kugira ageragezwe+ na Shetani*+.  Amaze imisi 40 n’amajoro 40 yisonzesha, arateba arasonza.  Hanyuma Shetani*+ aramwegera, amubwira ati: «Nimba uri umwana w’Imana, bwira aya mabuye acike imikate.»  Ariko Yezu amwishura ati: «Vyanditswe ngo: “Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa, ahubwo akwiye kubeshwaho n’ijambo ryose riva mu kanwa ka Yehova*+.”»  Maze Shetani amujana mu gisagara ceranda+, amuhagarika ku munara* w’urusengero+,  amubwira ati: «Nimba uri umwana w’Imana, ikororere hasi. Kuko vyanditswe ngo: “Azotegeka abamarayika biwe”, kandi “bazokurerura mu maboko yabo kugira ntutsitare kw’ibuye+.”»  Yezu amwishura ati: «Vyanditswe kandi ngo: “Ntukagerageze Yehova* Imana yawe+.”»  Shetani yongera kumujana ku musozi muremure cane, maze amwereka ubwami bwose bwo kw’isi n’ubwiza bwabwo+.  Hanyuma amubwira ati: «Ivyo vyose ndabiguha, niwapfa kumpfukamira ukansenga.» 10  Yezu amwishura ati: «Mvako Shetani! Kuko vyanditswe ngo: “Yehova* Imana yawe ni we utegerezwa gusenga+, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda+.”» 11  Shetani aca aramureka+ maze abamarayika baraza, batangura kumwitwararika*+. 12  Aho Yezu yumviye ko Yohani yafashwe+, aca aja i Galilaya+. 13  Hanyuma ava i Nazareti aja kuba i Kaperinawumu+ iruhande y’ikiyaga, mu ntara ya Zabuloni na Nafutali, 14  kugira haranguke ivyo umuhanuzi Yesaya yari yaravuze ati: 15  «Ewe karere ka Zabuloni n’aka Nafutali muherereye ku nzira ija ku kiyaga, hakurya ya Yorodani, Galilaya y’amahanga! 16  Abantu bicaye mu mwiza barabonye umuco mwinshi, kandi abicaye mu mwiza w’umuzitanya*, umuco+ warabarasiyeko+ 17  Kuva ico gihe Yezu atangura kwamamaza ati: «Nimwigaye kuko Ubwami bwo mw’ijuru buri hafi+ 18  Igihe yariko aca ku nkengera y’ikiyaga ca Galilaya, abona abagabo babiri bavukana, ari bo Simoni batazira Petero+ na mwenewabo Andereya. Bariko baterera urusenga mu kiyaga, kuko bari abarovyi+. 19  Aca ababwira ati: «Nimunkurikire, nanje nzobagira abarovyi b’abantu+ 20  Ubwo nyene baca baheba insenga zabo baramukurikira+. 21  Yigiye imbere, abona abandi bagabo babiri bavukana, ari bo Yakobo umuhungu wa Zebedayo na mwenewabo Yohani+. Bari mu bwato bari kumwe na se wabo Zebedayo, bariko barashona insenga zabo. Aca arabahamagara+. 22  Ubwo nyene baca basiga ubwato na se wabo baramukurikira. 23  Atangura kuzunguruka i Galilaya hose+, yigisha mu masinagogi+ yabo yongera yamamaza inkuru nziza y’Ubwami, kandi yagenda arakiza abantu indwara z’ubwoko bwose n’ubumuga bw’ubwoko bwose+. 24  Inkuru yiwe iraheza ikwira i Siriya hose. Bamuzanira abantu bose bafise indwara zitandukanye n’ububabare butandukanye+, abarwaye amadayimoni+, intandara+ n’abafise ubumuga, na we arabakiza. 25  Nuko amasinzi y’abantu aramukurikira avuye i Galilaya, i Dekapoli*, i Yeruzalemu, i Yudaya no hakurya ya Yorodani.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «na wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Canke «Umugerageji.»
Canke «ku gahome», «kw’isonga.»
Canke «kumukorera.»
Canke «mu karere k’igitutu c’urupfu.»
Canke «mu karere k’ibisagara cumi.»