Yesaya 11:1-16
11 Agashami+ kazoshamika kava ku gishitsi ca Yese+,kandi umunago+ uvuye mu mizi yiwe uzokwama ivyamwa.
2 Impwemu ya Yehova izoba kuri we+,impwemu y’ubukerebutsi+ n’ugutegera,impwemu y’uguhanura n’ubushobozi+,impwemu y’ubumenyi n’ugutinya Yehova.
3 Azohimbarwa no gutinya Yehova+.
Ntazoca urubanza afatiye ku vyo abona,canke ngo akosore yisunze gusa ivyo yumvise+.
4 Azocira urubanza umuntu muto ata karenganyo*.Azokosora abantu mu bugororotsi ku neza y’abicisha bugufi* bo kw’isi.
Azokubitisha isi inkoni y’akanwa kiwe+,yicishe umubisha impemu* z’iminwa yiwe+.
5 Ubutungane* buzoba umukaba yambara mu kiyunguyungu,ubwizigirwa na bwo bube umukaba akenyeza mu mafyinga+.
6 Ibingira izobana amahoro* n’umwagazi w’intama+,ingwe iryame hamwe n’umwagazi w’impene.Inyana, intambwe* n’igitungwa kinuze, vyose bizobana*+kandi agahungu gatoyi ni ko kazobiyobora.
7 Inka n’idubu bizorisha hamwe,inyana zavyo ziryame hamwe.
Intambwe izorya ubwatsi nk’impfizi y’inka+.
8 Umwana yonka azokinira ku mwobo w’imamba,umwana w’umucuko na we ashire ukuboko ku mwobo w’inzoka y’ubumara.
9 Hose ku musozi wanje mweranda,nta ngorane n’imwe+ bizoteza canke ngo bigire ico vyonona+,kuko vy’ukuri isi izoba yuzuye ubumenyi bwerekeye Yehovanka kurya amazi yuzuye ikiyaga+.
10 Kuri uwo musi umuzi wa Yese+ uzohagarara nk’ikimenyetso* ku mahanga+.
Amahanga azomwitura kugira ngo ayayobore*+,kandi ahantu aba* hazoba ahaninahaye.
11 Kuri uwo musi, Yehova azokwerekana ububasha bwiwe* irigira kabiri, kugira afashe amasigarira y’abantu biwe. Azobagarukana abakuye i Ashuri+, mu Misiri+, i Patirosi+, i Kushi+, i Elamu+, i Shinari*, i Hamati no mu mazinga y’ikiyaga+.
12 Azoshingira ikimenyetso* amahanga, akoranye abashwiragiye bo muri Isirayeli+. Azokwegeranya abasanzaye bo mu Buyuda abakuye mu mfuruka zine z’isi+.
13 Ishari ry’Abefurayimu rizohera+,abanka Ubuyuda bakurweho.
Abefurayimu ntibazogirira ishari abo mu Buyuda,canke ngo abo mu Buyuda banke Abefurayimu+.
14 Bazoshwara imimanuko* y’akarere k’Abafilisitiya amaja mu burengero,bafadikanye mu gusahura abo mu buseruko.
Bazokwigarurira* Edomu+ na Mowabu+,kandi bazoganza Abamoni+.
15 Yehova azogabura* ikigobe* c’ikiyaga ca Misiri+,azungagize ukuboko kugira ahane rwa ruzi runini*+. Biciye ku mpemu* ziwe ziturira,
azokamya amashami yarwo indwi*,atume abantu bajabuka n’amaguru batarinze gukura ibirato*.
16 Kandi hazobaho ibarabara rikuru*+ riva muri Ashuri ku bw’amasigarira y’abantu biwe bazoba bagisigaye+,nk’uko nyene habayeho inzira Isirayeli yaciyemwo umusi yava mu gihugu ca Misiri.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «mu bugororotsi.»
^ Canke «abatekereza.»
^ Canke «impwemu.»
^ Canke «ubugororotsi.»
^ Canke «izoza iramarana umwanya.»
^ Canke «intambwe y’umukangara ifise ivyoya kw’izosi.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «inyana n’intambwe bizorisha hamwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ahantu aruhukira.»
^ Canke «amahanga azomurondera.»
^ Canke «igiti bashinga nk’ikimenyetso.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «azokwongera gutanga ukuboko kwiwe.»
^ Ni ukuvuga Babiloni.
^ Canke «igiti bashinga nk’ikimenyetso.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «bazobangurira ukuboko.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urutugu.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «azokamya.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ururimi.»
^ Ni uruzi Efurate.
^ Canke «ku mpwemu.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «azorukubita arucemwo amashami indwi.»
^ Canke «isandari.»
^ Canke «ryagutse.»