Yesaya 40:1-31
40 Imana yanyu ivuze iti: «Nimuhoze, nimuhoze abantu banje+.
2 Nimuremeshe ab’i Yeruzalemu*,mubatangarize yuko igikorwa cabo c’agahato kirangiye,yuko ikosa ryabo ryishuwe+.
Ukuboko kwa Yehova kwarabahaye ibikwiranye* n’ibicumuro vyose bakoze+.»
3 Hari ijwi ry’umuntu mu bugaragwa asemerera ati:
«Nimutunganye* inzira ya Yehova+!
Nimucire Imana yacu ibarabara rikuru*+ kandi rigororotse mu bugaragwa+.
4 Umubande wose niwuzuzwe,umusozi wose n’umurambi wose na vyo bimanurwe.
Ubutaka bwuzuyeko ibidunduri butegerezwa kuringanizwa,ubutaka butaringaniye bugacika ikiyaya+.
5 Ubuninahazwa bwa Yehova buzohishurwa+,kandi abantu bose* bazobibona+,kuko akanwa ka Yehova ari ko kabivuze.»
6 Umve! Hari uwuriko avuga ati: «Semerera!»
Uwundi akamubaza ati: «Nsemerere iki?»
Uti: «Abantu bose* ni ivyatsi bitoto,
kandi urukundo* rwabo ni nk’ishurwe ryo mu gahinga+.
7 Ivyatsi bitoto biruma,ishurwe rigakabirana+,kubera ko impemu za Yehova* zabiciyeko+.
Ni ukuri abantu ni ivyatsi bitoto gusa.
8 Ivyatsi bitoto biruma,ishurwe rigakabirana,mugabo ijambo ry’Imana yacu ryamaho ibihe vyose+.»
9 Duga ku musozi muremure,wa mugore uzaniye inkuru nziza Siyoni+.
Duza ijwi ushiremwo inguvu,wa mugore uzaniye inkuru nziza Yeruzalemu.
Riduze. Ntutinye.
Tangariza ibisagara vy’Ubuyuda uti: «Ng’iyi Imana yanyu+.»
10 Raba! Umukama Segaba Yehova azozanana inkomezi,kandi ukuboko kwiwe kuzomuganzira+.
Raba! Imana ije ifise impera itanga,kandi impembo itanga iri imbere yayo+.
11 Kurya kw’umwungere, azokwitaho* ubusho bwiwe+.
Azokwegeranya imyagazi y’intama n’ukuboko kwiwe,ayitware mu gikiriza ciwe.
Izonsa azoziyobora yengenga+.
12 Ni nde yageze amazi mu rushi rwiwe+,agapima uko ijuru ringana akoresheje intambwe y’ikiganza* ciwe?
Ni nde yakoranirije umukungugu w’isi mu gikoresho co gupimisha+,canke agapima ku munzaneuburemere bw’imisozi n’imirambi?
13 Ni nde yapimye uko impwemu ya Yehova ingana*?Ni nde ashobora kumuhanura ngo agire ico amwigisha+?
14 Ni nde yagishije inama ngo amufashe gutegera?Canke ni nde amwigisha inzira y’ubutungane,canke amwigisha akamuha ubumenyi?Ni nde amwereka inzira y’ugutegera nyakuri+?
15 Raba! Amahanga ni nk’ima ry’amazi mu ndobo.Abonwa nk’agakungugu gafashe ku munzane+.
Raba! Imana iterura amazinga nk’umukungugu unoze.
16 Mbere na Libani ntishobora gutanga inkwi zihagije*,n’ibikoko vyo mw’ishamba vyaho ntivyokwira ngo bibe ishikanwa riturirwa.
17 Imbere yayo amahanga yose ni nk’ikintu kitabaho+.Iyabona nk’ubusa, nk’ikintu ata co kimaze+.
18 Mbega Imana mwoyigereranya na nde+?
Mwovuga ko isa gute+?
19 Umunyamwuga arashongesha icuma agakora ikigirwamana,umucuzi akagihomekako inzahabu+,agacura n’iminyororo y’ifeza.
20 Umuntu ahitamwo igiti ngo kibe ishikanwa+,igiti kitazobora.
Arondera umunyamwuga w’umuhingango abaze igishusho kitazohenuka+.
21 Mbega nta vyo muzi?
Nta vyo mwumvise?
Nta vyo mwabwiwe kuva mu ntango?
Ntimwabitegereye kuva aho imishinge y’isi yashiriweho+?
22 Imana iba hejuru y’umuzingi* w’isi+,ababa kuri yo bakaba ari nk’uduhori.
Iramvura ijuru nk’igitambara coroshe,ikarisanza nk’ihema ryo kubamwo+.
23 Ihindura ubusa abategetsi bakurubakuru,igatuma abacamanza* b’isi bamera nk’ikintu ata co kimaze.
24 Bakimara guterwa,bakimara kubibwa,igishitsi cabo kikimara gushora imizi mw’isi,umuyaga urabahuhutirako bagaca buma,ukabakukumura nk’ibishakara+.
25 Wa Mweranda avuze ati: «Mwonsanisha na nde ngo tungane?
26 Nimuraramure amaso murabe kw’ijuru.
Ni nde yaremye ivyo bintu+?
Ni Umwe asohora ingabo zavyo ku gitigiri.Zose azihamagara mu mazina yazo+.
Kubera inkomezi zitagira uko zingana akoresha n’ububasha buteye akoba afise+,nta n’imwe muri zo ibura.
27 Ewe Yakobo, nawe Isirayeli, kubera iki muvuga muti:“Yehova ntabona ivyanje,kandi Imana ntindenganura+?”
28 Mbega nta vyo uzi? Nta vyo wumvise?
Yehova, we yaremye isi iyo iva ikagera, ni Imana ibihe vyose+.
Ntaruha canke ngo arambirwe+.
Ubwenge* bwiwe nta wushobora kubutahura*+.
29 Aha inguvu uwurushe,abatagira inkomezi* akabaha ubushobozi bwuzuye+.
30 Abahungu bazoruha barambirwe,n’imisore itsitare igwe.
31 Mugabo abizigira Yehova bazosubira kugira inguvu.
Bazoduga nk’abafise amababa bārare nk’inkona+.
Bazokwiruka ntibarambirwe,batambuke ntibaruhe+.»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «nimubwire umutima wa Yeruzalemu.»
^ Canke «ibingana incuro zibiri.»
^ Canke «nimutegure.»
^ Canke «ryagutse.»
^ Canke «igifise umubiri cose.»
^ Canke «igifise umubiri cose.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «impwemu ya Yehova.»
^ Canke «azoragira.»
^ Ni intambwe iva ku rukumu igashika ku gatoke k’agahererezi igihe umuntu ashanje neza ikiganza. Raba Inyongera ya B14.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ni nde yatahuye impwemu ya Yehova?»
^ Canke «na Libani ntihagije kugira ngo umuriro ugume waka.»
^ Canke «umubumbe.»
^ Canke «abatware.»
^ Canke «ugutegera.»
^ Canke «nta wobusesangura.»
^ Canke «inkomezi bakoresha.»