Yoweli 2:1-32
2 «Nimuvuze inzamba i Siyoni+!
Nimuvuze akaruru k’intambara ku musozi wanje mweranda!
Ababa mu gihugu* bose nibajugumire,kuko umusi wa Yehova uriko uraza+. Uri hafi!
2 Ni umusi w’umwijima n’umuzimagiza+,umusi w’ibicu n’umwiza w’umuzitanya+.Umeze nk’umuco w’umutwenzi uriko ushwara ku misozi.
Hari ihanga ry’abantu benshi kandi rikomeye cane+.Nta hanga nk’iryo ryigeze kubaho,kandi nta n’irizokwongera kubahomu myaka yose, uko urunganwe* rugenda rurakurikirana.
3 Imbere yaryo hari umuriro uyigiza,inyuma yaryo na ho urubeya rururumba+.
Imbere yaryo igihugu kimeze nk’itongo rya Edeni+,inyuma yaryo hagasigara agahinga kacitse umusaka,kandi nta na kimwe kiricoroka.
4 Abagize iryo hanga bameze nk’amafarasi,kandi biruka nk’amafarasi y’intambara+.
5 Igihe baduga imisozi, urwamo rwabo womengo ni urw’imikogote y’intambara+,womenga ni urwamo rw’umuriro ukaze uriko uturira ibishakara.
Bameze nk’ingabo zikomeye zitonze ku rugamba+.
6 Amahanga azokwicwa n’intuntu kubera bo.
Abantu bose bazotekerwa n’ubwoba.
7 Biruka ku mwansi nk’abarwanyi,bakurira impome nk’abasoda.Umwe wese aguma atumbereye imbere,nta n’umwe ata inzira yiwe.
8 Ntibasunikana,umwe wese aguma mu nzira yiwe.
Hagize abahitanwa n’ibirwanisho*,abandi baguma ku murongo.
9 Bitera mu gisagara, bakiruka hejuru ku ruhome.
Burira ku mazu, bagaca mu madirisha nk’ibisuma.
10 Imbere yabo isi irajugumira, ijuru na ryo rigatigita.
Izuba n’ukwezi bihinduka umwiza+,inyenyeri na zo ntizisubire gukayangana.
11 Yehova azosemerera imbere y’ingabo ziwe+, kuko ari nyinshi cane+,
kandi uwushitsa ijambo ryiwe ari n’ububasha.Emwe umusi wa Yehova urahambaye, kandi urateye ubwoba cane+.
Ni nde yowihanganira+?»
12 Ibi ni vyo Yehova avuze: «Ariko n’ubu nimungarukeko n’umutima wanyu wose+,mwisonzeshe+, murire kandi muboroge.
13 Nimutabure imitima yanyu+, atari impuzu zanyu+,maze mugaruke kuri Yehova Imana yanyu,kuko ari Imana y’impuhwe* n’imbabazi, iteba gushavura+ kandi yuzuye urukundo*+.Na we azoheza yigarure*, ntabateze ivyago.
14 Hari uwubizi? Hari aho yohindura ivyiyumviro+, akigarura.Hari aho yobahezagira,mukaronka intete n’ibinyobwa mushikanira Yehova Imana yanyu.
15 Nimuvuze inzamba i Siyoni!
Nimutangaze* igihe co kwisonzesha, mutangaze ikoraniro ridasanzwe+.
16 Nimukoranye abantu, mutyorore ishengero+.
Nimukoranye abatama*, mwegeranye abana n’inzoya+.
Umukwe nasohoke ave mu cumba ciwe, n’umugeni ave mu cumba ciwe.
17 Abaherezi, ari bo basuku ba Yehova,nibaririre hagati y’ibaraza n’igicaniro+, bavuge bati:
“Ewe Yehova, niwumvire impuhwe abantu bawe!Ntureke ngo intoranwa yawe icike akamenyo,ngo amahanga abaganze.
Kubera iki abantu bovuga ngo: ‘Imana yabo iri hehe+?’”
18 Yehova azokingira igihugu ciwe yivuye inyuma,kandi azogirira impuhwe abantu biwe+.
19 Yehova azokwishura abantu biwe ati:
“Ngira ndabahe intete, umuvinyu mushasha n’amavuta,kandi muzorya muhage vy’ukuri+.Sinzosubira kwemera ko amahanga abasuzugura+.
20 Nzokwirukana abo mu buraruko baje kure yanyu.Nzobasanzaza mu gihugu cumye kandi kitagiramwo abantu.Ingabo zabo z’imbere* zizokwerekeza ku kiyaga co mu buseruko*,iz’inyuma na zo zerekeze ku kiyaga co mu burengero*.
Umunuko wabo uzoduga,emwe umuduhu wabo uzoguma uduga+,kuko nzokora ibintu bikomeye.”
21 Wa gihugu we, ntugire ubwoba!
Nezerwa kandi uhimbarwe, kuko Yehova azokora ibintu bikomeye.
22 Ntimugire ubwoba mwa bikoko vyo mw’ishamba,kuko uburagiro bwo mu gahinga buzototahara+,kandi n’ibiti bizokwama ivyamwa+.Umusukoni n’umuzabibu bizokwama ku bwinshi+.
23 Nimunezerwe bana ba Siyoni, muhimbarwe n’ivyo Yehova Imana yanyu agira akore+,kuko azobaha imvura y’agatasi ikwiye.Azobacuncuburira imvura,imvura y’agatasi n’iy’impeshi, nk’uko yahora abigira+.
24 Imbuga* zo mu murima zizokwuzura intete zigosoye,amato baganiramwo na yo asesekare umuvinyu mushasha n’amavuta+.
25 Nzobashumbusha ivyo mwatakaje mu myaka yoseinzige z’amababa, inzige zitagira amababa, inzige zitema zigatongora n’inzige zikegeta zamaze zirya ibiterwa vyanyu,za ngabo zanje zikomeye narungika kubatera+.
26 Emwe muzorya muhage+,kandi muzoshemeza izina rya Yehova Imana yanyu+,we yabakoreye ibintu bitangaje.Abantu banje ntibazosubira kumaramara+.
27 Muzomenya vy’ukuri ko ndi hagati muri Isirayeli+,ko ndi Yehova Imana yanyu+ be n’uko ata wundi ariho!
Abantu banje ntibazosubira kumaramara.
28 Inyuma y’ivyo, nzosuka impwemu yanje+ ku bantu b’ubwoko bwose,kandi abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovuga ubuhanuzi,abatama banyu barote indoto,abasore banyu na bo babone ivyo beretswe+.
29 Mbere n’abashumba banje b’abagabo n’ab’abagore,nzobasukako impwemu yanje muri iyo misi.
30 Nzokora ibitangaza* mw’ijuru no kw’isi,kandi hazoboneka amaraso, umuriro n’inkingi z’umwotsi+.
31 Imbere y’uko wa musi wa Yehova uhambaye kandi uteye ubwoba uza+,izuba rizohinduka umwiza, ukwezi na kwo guhinduke amaraso+.
32 Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa+.Nk’uko Yehova yabivuze, ku musozi Siyoni n’i Yeruzalemu hazogira abazorokoka+,abo Yehova azoba yahamagaye.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ababa kw’isi.»
^ Canke «iyaruka.»
^ Canke «n’imyampi.»
^ Canke «y’ubuntu.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «yicuze.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nimweze.»
^ Canke «abashingantahe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu maso habo.»
^ Ni ukuvuga ikiyaga c’Umunyu.
^ Ni ikiyaga Mediterane.
^ Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
^ Canke «nzotanga ibimenyetso.»