Zaburi 10:1-18
ל [Lamedi]
10 Ewe Yehova, kubera iki uhagaze kure?
Kubera iki winyegeza mu gihe c’amagorwa+?
2 Ubwibone bw’umubisha butuma ahiga umuntu atagira gitabara+,ariko azogwa mu mutego kubera imigambi yiwe mibi+.
3 Umubisha arirata kubera ivyipfuzo vyiwe bibi+,agahayagiza abarondera inyungu mbi*,נ [Nuni]kandi agasuzugura Yehova.
4 Kubera ubwibone bwiwe, umubisha ntarondera kumenya Imana.Aguma yibwira ati: «Nta Mana iriho+.»
5 Yama aroranirwa mu vyo akora vyose+,ariko amategeko yawe ntashobora kuyatahura+.Abansi biwe bose arabasuzugura.
6 Mu mutima wiwe yibwira ati: «Sinzokwigera nyiganyizwa*.Sinzogenda mbonye ivyagouko urunganwe* rugenda rurakurikirana+.»
פ [Pe]
7 Akanwa kiwe kuzuyemwo imivumo, ibinyoma n’iterabwoba+.Munsi y’ururimi rwiwe hari ivyago n’ibintu bibabaza+.
8 Abunda hafi y’ibigwati,hanyuma akava aho yinyegeje akica umuntu w’intungane+.
ע [Ayini]
Amaso yiwe aguma areretse umuntu yigorewe+.
9 Arindirira aho yinyegeje nk’intambwe ibunze mu mwobo*+,
akarindira gucakira umuntu atagira gitabara.
Aramucakira, agaca akwega urusenga akarwugara+.
10 Aramutura hasi akamufyonyanga.Abantu bigorewe ni bo bagwa mu vyara vyiwe.
11 Mu mutima wiwe yibwira ati: «Imana yaravyibagiye+.
Yarahindukiye yirabira hirya.
Nta na kimwe yigera ibona+.»
ק [Kofu]
12 Haguruka Yehova+! Ewe Mana, duza ukuboko kwawe+!
Ntiwibagire abantu batagira gitabara+.
13 Kubera iki umubisha asuzugura Imana?
Mu mutima wiwe yibwira ngo: «Imana nta co izombaza.»
ר [Reshi]
14 Ariko wewe urabona ivyago n’amagorwa.
Uritegereza kandi ukifatira ibintu mu minwe+.
Abantu bigorewe bahungira iwawe+.Ni wewe ufasha impfuvyi+.
ש [Shini]
15 Nuvune amaboko y’umubisha n’inkozi y’ikibi+,kugira ngo niwarondera ibikorwa vyiwe vy’ububishantusubire kubibona.
16 Yehova ni Umwami gushika ibihe bidahera+.
Amahanga y’ababisha yarazimanganye kw’isi+.
ת [Tau]
17 Ariko uzokwumva ivyo abitonda bagusaba, ewe Yehova+!
Uzoremesha imitima yabo+ wongere ubatege ugutwi+.
18 Uzotunganiriza impfuvyi n’abacinyizwa+,kugira ngo umuntu buntu* ntasubire kubatera ubwoba+.
Utujambo tw'epfo
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «abarondera inyungu mbi barihayagiza.»
^ Canke «iyaruka.»
^ Canke «ncumbagira (ndandabagirana).»
^ Canke «mu gisaka.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umuntu wo kw’isi.»