Zaburi 106:1-48
106 Shemeza Yehova*!
Nimukengurukire Yehova kuko ari mwiza+.Urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+.
2 Ni nde yoshobora gutangaza ibikorwa vyose vy’ububasha vya Yehova,canke akamenyekanisha ibikorwa vyiwe vyose bibereye gushemezwa+?
3 Hahiriwe abakurikiza ubutungane,bakama bakora ibigororotse igihe cose+.
4 Ewe Yehova, nunyibuke igihe ugirira neza* abantu bawe+.
Nunyitwararike wongere undokore,
5 kugira ninovore ivyiza ugirira abantu witoreye+,kugira nezeranwe n’ihanga ryawekandi ndagushemeze mpimbawe* ndi kumwe n’intoranwa yawe.
6 Twaracumuye nka ba sokuruza bacu+.Twarakoze nabi, twakoze ivy’ububisha+.
7 Ba sokuruza bacu ntibakengurutse* ibikorwa bitangaje wakoreye mu Misiri.
Ntibibutse urukundo* rwawe rwinshi,ahubwo barakugararije ku kiyaga, ca kiyaga Gitukura+.
8 Ariko Imana yarabakijije kubera izina ryayo+,kugira ububasha bwayo bumenyekane+.
9 Yarakankamiye ikiyaga Gitukura gica kirakama.Iraheza ibacisha mu nyenga nk’abariko baca mu bugaragwa*+.
10 Yabakuye mu maboko y’ababarwanya+,ibarokora mu maboko y’abansi+.
11 Amazi yarapfutse ababarwanya,nta n’umwe muri bo yarokotse+.
12 Nuko bizigira ivyo yasezeranye+maze batangura kuyiririmbira amashemezo+.
13 Ariko baciye bibagira ningoga ivyo yabakoreye+,ntibarindiriye ngo ibereke ico bokora.
14 Baratwawe n’ivyipfuzo vy’ubwikunzi bari mu gahinga+maze bagerageza Imana mu bugaragwa+.
15 Yarabahaye ivyo basavye,ariko ica ibateza ikiza catumye bahona+.
16 Batangura kugirira ishari Musa bari mw’ikambihamwe na Aroni+, wa mweranda wa Yehova+.
17 Isi yaciye yasama imira Datani,ipfuka n’abari bashigikiye Abiramu+.
18 Umuriro waciye uturira akagwi kabo,urubeya rurigata abo babisha+.
19 Vyongeye, barakoze igishusho c’inyana i Horebu,bunamira igishusho gikozwe mu cuma*+.
20 Bafashe ubuninahazwa bw’Imana yabobabukaba n’ishusho y’impfizi y’inka irya ivyatsi+.
21 Baribagiye Imana+ yo Mukiza wabo,imwe yakora ibintu bihambaye mu Misiri+,
22 ibikorwa bitangaje mu gihugu ca Hamu+hamwe n’ibikorwa biteye akoba ku kiyaga Gitukura+.
23 Yagira itange itegeko ryo kubatikiza,ariko Musa uwo yatoye aca arayitakambira*kugira itsinde ishavu ryayo ntibahonye+.
24 Hanyuma basuzugura ca gihugu ciza cane+,ntibizera ivyo Imana yasezeranye+.
25 Bagumye bidogera mu mahema yabo+,ntibumviriza ijwi rya Yehova+.
26 Nuko aduza ukuboko kwiwe, ararahirako azobahonereza mu bugaragwa+,
27 be n’uko ababakomokako bazogwa mu mahangakandi akabashwiragiza mu bindi bihugu+.
28 Nuko batangura gusenga* Bayali y’i Peyori+,barya no ku bimazi bishikanirwa abapfuye*.
29 Barasomborokeje Imana kubera ibikorwa vyabo+,na yo ica ibarungikamwo ikiza+.
30 Ariko igihe Finehasi yahaguruka akagira ico akoze,ikiza caciye gihagarara+.
31 Ivyo vyatumye abonwa ko ari umugororotsiibihe vyose, uko urunganwe* rwagiye rurakurikirana+.
32 Barasomborokeje Imana ku mazi y’i Meriba*,bica bigendera nabi Musa kubera bo+.
33 Barashavuje Musa*,na we aca avuga atabanje kwiyumvira+.
34 Ntibazimanganije amahanga+nk’uko Yehova yari yabibategetse+.
35 Ariko barifatanije n’ayo mahanga+,bakurikira* inzira zayo+.
36 Bagumye basenga* ibigirwamana vyayo+,na vyo biraheza bibabera umutego+.
37 Baratanze abahungu babon’abakobwa babo, babashikanira amadayimoni nk’ibimazi+.
38 Bagumye basesa amaraso y’intungane+,amaraso y’abahungu babo n’abakobwa babo,mu kubashikanira ibigirwamana vy’i Kanani+.Nuko igihugu kirahumana kubera ugusesa amaraso.
39 Barihumanije kubera ibikorwa vyabo.Barahemukiye Imana* kubera ibikorwa vyabo+.
40 Yehova yaciye ashavurira cane abantu biwe,yanka urunuka intoranwa yiwe.
41 Yarabatanze kenshi mu maboko y’amahanga+,kugira ngo ababanka babaganze+.
42 Abansi babo barabacinyijekandi barabaganza.
43 Yarabarokora kenshi+,ariko baguma bagarariza kandi bakagambarara+,maze bagacishwa bugufi kubera amakosa yabo+.
44 Ariko yarabona umubabaro wabo+,akumva amaborogo yabo+.
45 Yaribuka isezerano yagiraniye na bo,akabumvira ikigongwe* kubera urukundo* rwiwe rwinshi+.
46 Yaca atuma n’ababagize imbohe bosebabumvira ikigongwe+.
47 Ewe Yehova Mana yacu, dukize+,udukoranye udukuye mu mahanga+kugira dutazire izina ryawe ryerandakandi tugushemeze twigina*+.
48 Yehova Imana ya Isirayeli nashemezwegushika ibihe bidahera*+.
Kandi abantu bose nibavuge bati: «Amen*!»
Shemeza Yehova*!
Utujambo tw'epfo
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Canke «ubuntu.»
^ Canke «kandi ndakwiratire.»
^ Canke «n’urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «ntibatahuye insobanuro.»
^ Canke «mu gahinga.»
^ Canke «mu cuma bashongesheje.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «aca ahagarara mu gihengeri imbere yayo.»
^ Vyari ibimazi bishikanirwa abantu bapfuye canke ibigirwamana bitagira ubuzima.
^ Canke «kwifatanya na.»
^ Canke «iyaruka.»
^ Iryo zina risobanura ngo «gushwana.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «impwemu yiwe.»
^ Canke «biga.»
^ Canke «bakorera.»
^ Canke «barakoze ubumaraya.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).
^ Canke «impuhwe.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «duhimbarwe no kugushemeza.»
^ Canke «kuva ibihe bidahera gushika ibihe bidahera.»
^ Canke «nibibe gutyo nyene.»
^ Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»