Zaburi 25:1-22

  • Isengesho ryo gusaba impanuro n’ikigongwe

    • «Numenyeshe inzira zawe» (4)

    • «Ubugenzi somambike na Yehova» (14)

    • «Numbabarire ibicumuro vyanje vyose» (18)

Ni zaburi ya Dawidi. א [Alefu] 25  Ewe Yehova, ni wewe nitura. ב [Beti]   Mana yanje, ni wewe nizigiye+.Ntureke ngo maramare+. Ntureke ngo abansi banje banyirateko+. ג [Gimelu]   Emwe, mu bakwizera nta n’umwe azomaramara+,mugabo ibihemu* bizomaramara+. ד [Daleti]   Ewe Yehova, numenyeshe inzira zawe+,unyigishe iminyuro yawe+. ה [He]   Nutume ngendera mu kuri kwawe, unyigishe+kuko uri Imana y’ubukiriro bwanje. ו [Vau] Ni wewe nizigira bukarinda bwira. ז [Zayini]   Ewe Yehova, niwibuke imbabazi zawe n’urukundo* rwawe+,ivyo wamye werekana kuva kera na rindi+. ח [Heti]   Ntiwibuke ibicumuro n’amakosa nakoze nkiri muto. Nunyibuke wisunze urukundo* rwawe+,kubera ubuntu bwawe*, ewe Yehova+! ט [Teti]   Yehova ni mwiza kandi aragororotse+. Ni co gituma yigisha abacumuzi inzira bakwiye kugenderamwo+. י [Yodi]   Azoyobora abitonda kugira bakore ibigororotse+,kandi azobigisha inzira ziwe+. כ [Kafu] 10  Ku bubahiriza isezerano rya Yehova+ n’ivyibutswa vyiwe+,inzira ziwe zose zirangwa n’urukundo* n’ubwizigirwa. ל [Lamedi] 11  Ewe Yehova, ku bw’izina ryawe+,numparire ikosa ryanje naho ari rinini. מ [Memu] 12  Ni nde muntu atinya Yehova+? Azomwigisha inzira akwiye gucamwo+. נ [Nuni] 13  Azokwironkera ivyiza+,kandi abazomukomokako* bazokwigarurira isi+. ס [Sameki] 14  Abatinya Yehova ni bo bamubera abagenzi somambike+,kandi arabamenyesha isezerano ryiwe+. ע [Ayini] 15  Nama mpanze amaso Yehova+,kuko ari we akura ibirenge vyanje mu mutego*+. פ [Pe] 16  Hindukira undabe, ungirire ubuntu,kuko ndi inyakamwe kandi nkaba ntagira gitabara. צ [Tsade] 17  Amaganya yabaye menshi mu mutima wanje+.Nunkize ibintera amaganya! ר [Reshi] 18  Raba amagorwa n’ingorane ndimwo+,uheze umbabarire ibicumuro vyanje vyose+. 19  Raba ingene abansi banje ari benshi,n’ingene banyanka urunuka. ש [Shini] 20  Rinda ubuzima bwanje, undokore+. Ntumaramaze kuko nahungiye kuri wewe. ת [Tau] 21  Ese ugutungana n’ukugororoka vyonzigama+,kuko ari wewe nizigiye+. 22  Ewe Mana, nukize Isirayeli amaganya yiwe yose.

Utujambo tw'epfo

Canke «abahemukira abandi ata mvo.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «ukumera neza.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto rwiwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu rusenga.»