Zaburi 28:1-9

  • Imana yarumvise isengesho ryiwe

    • «Yehova ni inkomezi zanje n’inkinzo yanje» (7)

Ni zaburi ya Dawidi. 28  Ewe Yehova gitandara canje, ni wewe nguma ntabaza+.Ntiwice amatwi. Hamwe woguma wihoreye,noca mera nk’abamanuka mu cobo*+.   Niwumve ugutakamba kwanje igihe ndagutabajendugije amaboko ndayerekeza aheranda cane h’urusengero rwawe+.   Ntunjaniranye n’ababisha, barya bakora ibintu bibi+,barya bayaga nk’abagenzi* ariko mu mitima huzuye ikibi+.   Nubishure ibihuye n’ibikorwa vyabo+,ibikwiranye n’ibibi bakora. Nubasubirize mu nkoko ibihuye n’ibikorwa vy’amaboko yabo,ibikwiranye n’ivyo bakoze+.   Kuko batitaho ibikorwa vya Yehova+canke ibikorwa vy’amaboko yiwe+. Azobasambura kandi ntazobubaka.   Yehova nashemezwe,kuko yumvise ugutabaza kwanje.   Yehova ni inkomezi zanje+ n’inkinzo yanje+.Ni we umutima wanje wizigira+. Yarantabaye kandi umutima wanje uranezerewe.Ni co gituma nzomushemeza mu kumuririmbira.   Yehova ni we nkomezi z’abantu biwe.Ni igihome gikomeye, ni we arokora uwo yarobanuje amavuta*+.   Nukize abantu bawe, uhezagire intoranwa yawe+. Nubabere umwungere, ubaterure mu maboko gushika ibihe bidahera+.

Utujambo tw'epfo

Canke «mu mva.»
Canke «bayaga amahoro.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).