Zaburi 31:1-24

  • Guhungira kuri Yehova

    • «Impwemu yanje ndayishize mu maboko yawe» (5)

    • «Yehova ni Imana y’ubwizigirwa» (5)

    • Ubuntu bw’Imana ni bwinshi (19)

Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi. 31  Ewe Yehova, ni wewe nahungiyeko+. Ese ntokwigera maramara+! Nundokore kubera ubugororotsi bwawe+.   Nuntege ugutwi*. Nunyaruke untabare+. Numbere umusozi mpungirako,ikibanza gikomeye co kunkingira+.   Kuko uri urutare rwanje n’igihome canje gikomeye+.Uzonja imbere unyobore ku bw’izina ryawe+.   Uzonkura mu rusenga banteze mu mpisho+,kuko uri igihome canje gikomeye+.   Impwemu yanje ndayishize mu maboko yawe+. Warancunguye, ewe Yehova Mana y’ubwizigirwa*+.   Ndanka abasenga ibigirwamana bitagira akamaro, bitagira mvura.Ariko jewe nizigira Yehova.   Nzohimbarwa cane n’urukundo* rwawe,kuko wabonye amagorwa yanje+.Urazi intuntu ikomeye mfise.   Ntiwantanze mu kuboko kw’umwansi,ahubwo umpagarika ahantu hatagira inkomanzi*.   Ewe Yehova, nungirire ubuntu kuko ngeze habi. Amaso yanje yaregeye kubera intuntu+, mbere n’umubiri wanje wose+. 10  Ubuzima bwanje burangiriye mu mubabaro+,kandi imyaka yanje ndayimariye mu miniho+. Utuguvu twaheze kubera ikosa ryanje.Amagufa yanje yareganutse+. 11  Abansi banje bose baransuzugura+,na canecane ababanyi banje. Abo twari tuzinanye barantinya.Iyo bambonye hanze baca bampunga+. 12  Narafuditse mu mitima* yabo, baranyibagiye nk’aho umengo narapfuye.Meze nk’umubindi umenetse. 13  Narumvise ibibi vyinshi abantu bamvugako.Nkikujwe n’ibintu biteye ubwoba+. Bakoranira hamwe kugira bandwanye,bagategura imigambi yo kunyica+. 14  Ariko ni wewe nizigiye, ewe Yehova+! Nguma mvuga nti: «Uri Imana yanje+ 15  Ubuzima bwanje buri mu maboko yawe. Nundokore mu maboko y’abansi banje n’abampama+. 16  Nundabe ryiza* jewe umusavyi wawe+, unkize kubera urukundo* rwawe. 17  Ewe Yehova, ese ntomaramara igihe ndagutabaje+. Ahubwo ababisha nibamaramare+,bamanuke mu kuzimu ntibasubire gukurako umunwa+. 18  Iminwa ivuga ikinyoma nizibe+,iminwa ivuga nabi umugororotsi ibigiranye amanyama, ubwibone n’akagaye. 19  Ese ingene ubuntu* bwawe ari bwinshi+! Ivyiza ubikiye abagutinya ni vyinshi+,kandi warerekanye imbere y’abantu bose ko ugirira neza abaguhungirako+. 20  Uzobanyegeza hafi yawe+,ubarinde abantu bafise imigambi mibi.Uzobahisha mw’ihema ryawe,kure y’abantu babavuga nabi*+. 21  Yehova nashemezwe,kuko yanyeretse urukundo* rwiwe mu buryo butangaje+ mu gisagara cugarijwe n’abansi+. 22  Igihe nari nataye umutwe, navuze nti: «Ngira mpfire mu maso yawe+ Ariko warumvise amaborogo yanje igihe nagutabaza+. 23  Nimukunde Yehova, mwese intahemuka ziwe+! Yehova akingira abizigirwa+,ariko abishira hejuru bose arabahana akabahasha+. 24  Nimugire umutima rugabo kandi mukomere+,mwese abarindiriye Yehova+!

Utujambo tw'epfo

Canke «niwuname unyumvirize.»
Canke «Mana y’ukuri.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «ahantu hagutse.»
Canke «mu bwenge.»
Mu giheburayo havuga ngo «nutume mu maso hawe hamurikira.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «ukumera neza.»
Mu giheburayo havuga ngo «kure yo gutongana kw’indimi.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»