Zaburi 5:1-12
Ku mukuru w’abaririmvyi ba Nehiloti*. Ni zaburi ya Dawidi.
5 Ewe Yehova, niwumvirize amajambo yanje+.Tega ugutwi ukuniha kwanje.
2 Niwumvirize ugutabaza kwanje,ewe Mwami wanje ukaba n’Imana yanje, kuko ari wewe nsenga.
3 Ewe Yehova, uzokwumva ijwi ryanje mu gitondo+.Nzokuganyira mu gitondo+, hanyuma ndakurindire ndabishashaye.
4 Kuko uri Imana idahimbarwa n’ububisha+.Nta munyakibi yobana nawe+.
5 Nta muntu yirata yohagarara imbere yawe.
Abantu bose bakora ivy’ububisha baragushisha+.
6 Uzorandura abavuga ibinyoma+.
Yehova aranka urunuka abantu bakora ivy’ububisha kandi b’ababeshi*+.
7 Nayo jewe, nzokwinjira mu nzu yawe+ kubera urukundo* rwawe rwinshi+.Nzokwunama nerekeza ku rusengero rwawe rweranda* kuko ndakwubaha cane+.
8 Ewe Yehova, nunyobore mu nzira yawe igororotse kubera abansi banje.Numfashe kugendera mu nzira yawe ata kintsitaza+.
9 Nta kintu na kimwe mu vyo bavuga nokwizigira.Buzuyemwo ikibi gusa.Imihogo yabo ni imva zirangaye.Basigana inkore ku maso*+.
10 Ariko Imana izobakubita intahe mu gahanga.Amanyanga yabo ni yo azotuma bagwa+.
Ese wobirukana kubera ibicumuro vyabo vyinshi,kuko bakugararije.
11 Ariko abaguhungirako bose bazonezerwa+.Bazokwama biha akaruru k’umunezero.
Uzozibira ababisha kugira ntibabegere,kandi abakunda izina ryawe uzotuma banezerwa.
12 Kuko uzohezagira abantu bose b’abagororotsi, ewe Yehova!Uzobashima maze bibabere nk’inkinzo yagutse ibakingira+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «umuntu asesa amaraso kandi abesha.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «nerekeza ahantu hawe heranda.»
^ Canke «bafise akarimi gasosa.»