Zaburi 83:1-18
Ni indirimbo. Ni zaburi ya Asafu+.
83 Ewe Mana, ntugume wihoreye+.Ntugume winumiye canke ngo ubirabishe amaso gusa Mana!
2 Ehe raba abansi bawe bahumaganye+.Abakwanka ubwishime bwabamaze*.
3 Bapanga mu mpisho imigambi yo kugirira nabi abantu bawe,bakaja inama yo kugirira nabi abo wikundira*.
4 Bavuga bati: «Ingo duhonye ihanga ryabo ryose+,kugira izina rya Isirayeli ntirisubire kwibukwa.»
5 Bapangira hamwe umugambi*,bagapfundika isezerano ryo kukurwanya+.
6 Na bo ni aba: Abanyedomu, Abishimayeli, Abanyamowabu+, Abahaguri+,
7 Abagebali, Abamoni+, Abamaleki,Abafilisitiya+ hamwe n’ababa i Tiro+.
8 Abashuri+ na bo nyene barabiyunzeko.Barashigikiye* abakomoka kuri Loti*+. (Sela*)
9 Nubakorere nk’ivyo wakoreye Midiyani+,nk’ivyo wakoreye Sisera na Yabini ku mugezi* wa Kishoni+.
10 Bahoneye i Eni-Dori+,bacika intabire y’isi.
11 Abanyacubahiro babo nubagire nka Orebu na Zebu+,abaganwa* babo na bo nka Zeba na Zalumuna+,
12 kuko bavuze bati: «Nimuze twigarurire igihugu Imana ibamwo.»
13 Ewe Mana yanje, nubagire nk’ivyatsi vy’ibitovu biguruwe n’umuyaga+,nk’ibishakara bitwawe n’umuyaga.
14 Nka kurya umuriro uturira ikibira,nka kurya nyene urubeya rutongora imisozi+,
15 nubakurikirane n’igihuhusi cawe+,ubatere ubwoba n’umuyaga wawe ukomeye+!
16 Nutume buzura ibimaramare*,kugira barondere izina ryawe, ewe Yehova!
17 Nibamaramare, batekerwe n’ubwoba ibihe vyose.Ese borya ivyatsi bagahona!
18 Ese abantu bose bomenya ko witwa Yehova+,be n’uko ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose+!
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «badugije umutwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «abo unyegeza.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «baja inama bafise umutima umwe.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Ni ukuvuga Abanyamowabu n’Abamoni.
^ Mu giheburayo havuga ngo «babereye ukuboko.»
^ Canke «ku mwonga.»
^ Canke «abatware.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nutume mu maso habo huzura ibimaramare.»