Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | URWARUKA

Iyo umuvyeyi apfuye

Iyo umuvyeyi apfuye

INGORANE

Dami yari afise imyaka itandatu igihe se wiwe yahitanwa n’ingorane y’ubwonko. Derrick yari afise imyaka icenda igihe se wiwe yicwa n’indwara y’umutima. Jeannie na we yari afise imyaka indwi igihe nyina yahitanwa n’indwara ya kanseri yari amaranye umwaka. *

Abo uko ari batatu babuze umuvyeyi bakiri bato. Woba urashikirwa n’ikintu nk’ico? Iki kiganiro rero cogufasha kumenya ingene wovyifatamwo neza. * Ariko hari ibintu ukwiye kubanza kumenya ku bijanye n’umubabaro uterwa n’ukubura uwawe.

ICO UKWIYE KUMENYA

Abantu ntibatuntura kumwe. Ivyo bisobanura ko uburyo werekana umubabaro bushobora kuba butandukanye n’uburyo abandi bawerekana. Igitabu kimwe cerekeye imiyabaga kivuga giti: “Iyo abantu babuze ababo ntibama bavyifatamwo cokimwe.” Igihambaye ni ukutaguma wiyobagiza intuntu ufise. Uti kubera iki? Kubera ko . . .

Kwiyobagiza intuntu vyogira ingaruka mbi. Jeannie umwe twavuga, agira ati: “Niyumviriye ko ntegerezwa guhisha umubabaro mfise kugira mfashe murumunanje kwihangana. N’ubu nama ndiko ndahisha umubabaro, ariko si vyiza.”

N’abahinga baravyemeza. Igitabu kimwe kivuga ivy’imiyabaga yabuze ababo, kigira giti: “Ntushobora kuguma ubika intuntu mu mutima wawe canke ngo ugume uyirengagiza. Hazogera igihe iyo ntuntu ivyure umutwe, umubabaro ugutere utiteguye canke na ho ugire ingorane y’amagara.” Urashobora no gusanga utanguye kunywa inzoga nyinshi canke ibiyayuramutwe kugira wiyibagize uwo mubabaro.

Iyo ubuze urashobora kwumva urengewe mu mutima. Nk’akarorero, hari abagirira ishavu uwabo yapfuye ngo kubera ko yabahevye. Hari n’abata ishavu ku Mana kubera itakinze ngo uwo muntu ntapfe. Abantu benshi iyo babuze uwabo bariyagiriza kubera ivyo bamubwiye canke bamukoreye, kuko bitaba bigikunda ko bamusaba imbabazi.

Vy’ukuri, kwihanganira urupfu rw’uwawe si icoroshe. Ni ibiki none vyogufasha kwihangana, ubuzima bukabandanya?

ICO WOKORA

Raba uwo uyagira. Iyo wabuze hari igihe wokwumva ushaka kwigumira ukwa wenyene. Ariko kubwira incuti canke umugenzi akari ku mutima, vyogufasha kwihangana bigatuma uticwa n’intuntu.Iciyumviro co muri Bibiliya: Imigani 18:24.

Za uragira utwo wanditse. Andika ibijanye n’umuvyeyi wabuze. Nk’akarorero, urashobora kwandika ikintu ciza cane umwibukako n’ibintu vyiza wamushimako. Ni ibihe muri ivyo woshima kwigana mu buzima bwawe?

Bishitse ukagira ivyiyumviro bibi, nk’akarorero ukaguma wiyumvira ikintu kibabaje wabwiye umuvyeyi wawe atarapfa, nuce wandika ukuntu wiyumva n’igituma wiyumva gutyo. Woshobora nko kwandika uti: “Numva mbabaye kubera nashwanye na papa, bukeye aca arapfa.”

Nuce uraba ko ukwo kwiyagiriza kwoba vy’ukuri gufise ishingiro. Ca gitabu kivuga ivy’imiyabaga yabuze ababo, kigira giti: “Ntukwiye kwiyagiriza kubera ko utamenye ko utopfuye uronse akaryo ko gusaba imbabazi. Twese birashika tukavuga canke tugakora ikintu gituma dukenera gusaba imbabazi. Biragoye kuvyirinda ijana kw’ijana.”Iciyumviro co muri Bibiliya: Yobu 10:1.

Niwitwararike amagara yawe. Ruhuka bihagije, winonore imitsi bikwiye wongere ufungure neza. Nimba wumva ata kayabagu ufise ko gufungura imfungurwa zikwiye, gerageza kuza urafungura utuntu tworoheje ariko tumeze neza gushika akayabagu kagarutse. Ariko ntiwimarire intuntu ku mfungurwa zitagira akamaro canke ku nzoga kuko kwoba ari ugusongera isibe.

Yagira Imana mw’isengesho. Bibiliya ivuga iti: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira.” (Zaburi 55:22) Isengesho si ikintu gituma gusa twiyumva neza. Ni ukuyaga vy’ukuri n’Imana, “iyiduhoza mu makuba yacu yose.”2 Abakorinto 1:3, 4.

Uburyo bumwe Imana ikoresha mu kuduhoza ni Ijambo ryayo Bibiliya. Ubona gute urondeye kumenya ico ivuga ku kuntu abapfuye bamerewe vy’ukuri no ku cizigiro c’izuka? *Iciyumviro co muri Bibiliya: Zaburi 94:19.

^ ing. 4 Ikiganiro gikurikira kiravuga ido n’ido ivyashikiye Dami, Derrick na Jeannie.

^ ing. 5 Naho iki kiganiro gishimika ku wabuze umuvyeyi, ivyiyumviro gishikiriza vyofasha n’uwabuze uwo bavukana canke umugenzi.

^ ing. 19 Raba ikigabane ca 16 c’igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1. Urashobora kukivoma ku buntu kuri www.pr2711.com. Raba ahavuga ngo IVYASOHOWE.