Udukuru tw’irya n’ino
Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika
Icigwa kimwe cagizwe cerekanye ko hafi ica gatatu c’abagenda n’amaguru usanga basamara mu kujabuka amabarabara yuzuye uruja n’uruza, bitumwe n’uko bagenda bumviriza umuziki, bavugira kuri telefone, n’ibindi n’ibindi. Ikibasamaza giteye akaga kuruta ibindi vyose ni ukugenda barandika ubutumwa kuri telefone. Muri ico cigwa basanze abajabuka bandika ubwo butumwa bakoresha umwanya wiyongereyeko ibice 18 kw’ijana ku wo abajabuka batasamaye bakoresha. Nayo ku bijanye no kujabukira ahatabereye, kuteraguza imbere yo kujabuka, canke kutubahiriza ibimenyetso bibarekurira kujabuka, basanze abandika ubutumwa bishobora kubashikira incuro 3,9 kuruta abajabuka batasamaye.
Muri Nijeriya
Abigeme bakurwa muri Nijeriya bakajanwa i Buraya batwawe n’abakora urudandaza rw’abantu, barajanwa ku tunyabugoro tw’abapfumu kugira barahire ko bazogumya ibanga. Kugira ngo abakora urwo rudandaza biganzire abo bigeme kandi batume bemera gukoreshwa nk’abaja mu vy’igitsina, bafatira ku bwoba bukomeye abo bigeme bafise bwo guhanwa n’amadayimoni.
Muri Espanye
Abantu bari hagati y’ibice 5 na 10 kw’ijana vy’abamaze igihe kirekire batagira akazi, usanga ku rupapuro rwabo rw’umwidondoro badashirako ko bize kaminuza canke ko bigeze gukora akazi kanaka, kuko ivyo bica bituma abobaha akazi babona ko batoronka ayo bobahemba.
Kw’isi yose
Umwotsi uva mu mashiga ubonwa ko uri mu bintu nyamukuru bihitana ubuzima bw’abantu mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere, aho buri mwaka abantu imiliyoni zine bahitanwa n’indwara zijanye n’uguhema ziterwa n’imyotsi. Abashakashatsi bavuga ko umwotsi w’inkwi canke w’amakara ugirira nabi amagara nka kurya kw’ubumara buri mu mwotsi w’itabi.