TWISUNZE BIBILIYA
Ihindagurika
Hari abavuga ko ubuzima bwabayeho biciye kw’ihindagurika. Abandi bavuga ko Imana yatanguje gusa irema ibindi bica bibandanya vyikora biciye kw’ihindagurika. None Bibiliya ibivugako iki?
Bibiliya yoba yiyamiriza ivy’uko ibiriho vyoba vyabayeho bivuye ku kintu caturitse?
Bibiliya ivuga gusa iti: “Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi.” (Itanguriro 1:1) Ntivuga ido n’ido ingene Imana yaremye ibintu vyose. Rero, naho ibiriho vyoba vyabayeho bivuye ku kintu kinaka caturitse, ivyo ntivyoba bihushanye n’ivyo Bibiliya ivuga. Ahubwo mw’
Ego ni ko abahinga benshi bemera ko ico kintu caturitse giturumbuka bituma uduhimba dutandukanye twiyegeranya, maze uko igihe cagiye kirahaca tumwe tuba inyenyeri utundi tuba imibumbe. Ariko Bibiliya yoyo ntishigikira ico ciyumviro. Ivuga yuko ibiriho vyaremwe n’Imana. Nta wuzi ko yaturikije ikintu kanaka canke ko yakoresheje ubundi buhinga.
“Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi.”
—Itanguriro 1:1.
Inkuru yo muri Bibiliya yoba yerekana ko ibifise ubuzima bishobora guhinduka uko haca igihe?
Ego. Bibiliya ivuga ko Imana yaremye ibinyabuzima “nk’uko ubwoko bwavyo buri.” (Itanguriro 1:11, 12, 21, 24, 25) None ubwoko bunaka bwoba bushobora guhinduka bukavamwo ibindi binyabuzima vyo muri ubwo bwoko nyene? Ego. None ivyo vyoba vyerekana ko ubwo bwoko bushobora kuvamwo ubundi bushasha? Oya.
Dufate aka karorero: Mu myaka ya 1970, abahinga baragize ivyigwa ku nyoni zo mu bwoko bw’iseke zo mu mazinga ya Galápagos. Naho habaye ihindagurika ry’ikirere, basanze inyoni zo muri ubwo bwoko z’iminwa minini ziramba kuruta izindi. Hari abashitse ku ciyumviro c’uko ivyo ari ikimenyamenya c’uko ivyaremwe vyabayeho biciye kw’ihindagurika. Ariko none vyoba ari ukwo biri, canke ni kubera gusa izo nyoni zamenyereye ico kirere? Haciye imyaka, inyoni zifise iminwa mitomito zarasubiriye kugwira aho hantu. Ivyo vyigwa vyatumye umuhinga yitwa Jeffrey H. Schwartz avuga ko iyo ubwoko bunaka bumenyereye ikintu canke ahantu, ivyo bibufasha kubaho uko ibintu vyoba vyifashe kwose, ariko “ntibituma havuka ubwoko bushasha.”
Bibiliya n’inyigisho y’ihindagurika vyoba bijana?
Bibiliya ivuga ko Imana ari yo “[y]aremye vyose.” (Ivyahishuwe 4:11) ‘Yaruhutse’ ari uko ihejeje kurema vyose. (Itanguriro 2:2) Iciyumviro kiratomoye: Imana ntiyaremye akanyabuzima kamwe hama ngo ice yiruhukira irindire ko kagenda karahindagurika mu myaka amamiliyoni maze kakavamwo ubwoko butandukanye bw’amafi, inguge n’abantu. * Ivyo vyoba vyerekana ko Umuremyi ata ruhara runini yagize kandi Bibiliya ivuga ko “yaremye ijuru n’ibiri muri ryo n’isi n’ibiri muri yo n’ikiyaga n’ibiri muri co.”
“Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha, kubera ko waremye vyose.”
—Ivyahishuwe 4:11.
Nurondere kumenya n’ibindi: Bibiliya ivuga ko “kamere [z’Imana] zitaboneka zibonwa neza uhereye kw’iremwa ry’isi, kubera ko zitahurirwa ku bintu vyaremwe.” (Abaroma 1:20) Kwiga ivyerekeye Imana birashobora kugufasha kugira intumbero mu buzima kuko Imana ifitiye umugambi mwiza abantu bose bayirondera n’umutima utarimwo uburyarya. (Umusiguzi 12:13; Abaheburayo 11:6) Ushaka kumenya vyinshi, ja kuri www.pr2711.com canke urondere Ivyabona vya Yehova. Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA.
^ ing. 12 Bibiliya ntishigikira iciyumviro c’uko Imana yaremye isi mu misi itandatu y’amasaha 24. Ushaka kumenya vyinshi, raba agatabu Vyoba vyararemwe? ku rupapuro rwa 24-27. Ako gatabu kasohowe n’Ivyabona vya Yehova karaboneka no kuri www.pr2711.com.