Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Kubera iki abantu baheba amadini?

Kubera iki abantu baheba amadini?

Gaffar yavukiye muri Tirkiya. Vyaramugora gutahura ko Imana yihora nk’uko idini yarimwo ryavyigisha. Umugore wiwe Hediye, yatanguye kugira amakenga kw’idini yarimwo agifise imyaka icenda gusa. Yavuze ati: “Batwigisha ko Imana ari yo itegura ibintu vyose bishikira umuntu mu buzima. Kubera ko ndi impfuvyi, naribaza ico nacumuye ku Mana. Kenshi naramara ijoro ryose ndiko ndarira. Nashikanye imyaka 15 ntaciyumvamwo idini narimwo.”

WOBA warahevye idini wahora usengamwo? Nimba ari ukwo biri, nturi wenyene. Mu bihugu vyinshi, igitigiri c’abantu bavuga ko batagira idini kiguma congerekana. Ivyo vyerekana ko amadini ageze ahatemba. Raba bimwebimwe muri ivyo bihugu.

Kubera iki baheba amadini?

Hari imvo nyinshi zituma abantu bacika intege bagaheba kwifatanya n’idini. Aho harimwo ukuba amadini ashigikira canke arenza uruho rw’amazi ku bukozi bw’ikibi n’iterabwoba, ubuhumbu buteye isoni bukorwa n’abakuru b’amadini be n’ibindi bintu bidashoka vyibonekeza, bino bikaba ari vyo biriko biratuma abantu benshi baheba amadini. Muri ivyo twovuga nk’ibi:

  • Ubutunzi: Igitabu kimwe kivuga ibijanye n’amadini be n’ubuhakanyi kigira giti: “Uko umuntu atunga ni ko atitaho ivyo gusenga.” Ico kintu kirahambaye narirya mu bihugu vyinshi ubutunzi bwiyongereye cane. Umwigisha wo mu vy’ubutunzi yitwa John V. C. Nye, avuga ko mu mihingo imwimwe hari abantu “batunze cane kuruta umwami ahambaye cane mu babayeho mu myaka amajana abiri iheze.”

    ICO BIBILIYA IVUGA: Bibiliya yari yaravuze ko mu “misi ya nyuma,” abantu bokunze amahera be n’ibibanezera aho gukunda Imana na bagenzi babo. (2 Timoteyo 3:1-5) Umwe mu banditse Bibiliya yaratahura ko ubutunzi bushobora kubangamira ubucuti umuntu afitaniye n’Imana. Yabwiye Yehova Imana ati: “Ntumpe ubworo, ntumpe n’ubutunzi.” Kubera iki yasavye ico kintu? Agira ati: “Simpave mpaga hanyuma nkakwihakana.”Imigani 30:8, 9.

  • Imigenzo y’amadini be n’inyifato runtu: Abantu benshi, canecane abakiri bato, babona ko idini ata co rimaze kandi ko ari ikintu cataye igihe. Abandi na bo ntibacizigira amadini. Uwitwa Tim Maguire ajejwe kumenyesha amakuru mu muhari umwe wo muri Ekose utisunga ivy’idini, yavuze ati: “Uravye ukuntu amadini yigenjeje mu binjana biheze, vyatumye abantu bayaheba kuko ata co abafasha mu bijanye n’inyifato runtu.”

    ICO BIBILIYA IVUGA: Ku bijanye n’abigisha b’ikinyoma, Yezu Kristu yavuze ati: “Muzobamenyera ku vyamwa bama. . . . Igiti ciza cose cama ivyamwa vyiza, mugabo igiti cose kibi cama ivyamwa ata co bimaze.” (Matayo 7:15-18) Mu “vyamwa ata co bimaze” harimwo ukwisuka mu vya politike no kwemera imigenzo itukisha Imana, nk’ukwabirana kw’abasangiye igitsina. (Yohani 15:19; Abaroma 1:25-27) Harimwo kandi gufata inyigisho nziza zo mw’Ijambo ry’Imana bakazisubiriza imigenzo iboze kandi ata co imaze. (Matayo 15:3, 9) Yezu yavuze ati: “Gaburira intama zanje ntonto.” (Yohani 21:17) Ariko rero muri iki gihe, abantu benshi barafise inzara y’Ijambo ry’Imana.

  • Idini n’amahera: Nk’uko ikigo kimwe kivyerekana, abantu benshi babona ko amadini ashira imbere cane amahera. N’ikivyunyura, abakuru b’amadini bamwebamwe bibera mu bihinda ariko abayoboke babo ata vyo bafise. Nk’akarorero, abantu benshi bakunda kuja gusenga bo mu gisagara kimwe co mu Budagi birabagora kuronka ivya nkenerwa, ariko musenyeri waho yagirizwa ko yibera mu bitayega. Ivyo vyarababaje abagatolika benshi bo muri ico gisagara. Hari kandi raporo yo mu kinyamakuru kimwe ivuga ibijanye na Nijeriya. Kubera ko muri ico gihugu “abantu imiliyoni 100 babeshejweho n’amahera adashika [ibihumbi bibiri vy’amarundi] ku musi, ubuzima busayangana bw’abapasitori bamwebamwe buratanguye gutera ingorane.”

    ICO BIBILIYA IVUGA: Paulo yanditse ati: “[Ntituri] abagenda bacuruza ijambo ry’Imana.” (2 Abakorinto 2:17) Naho Paulo yari afise ikibanza kidasanzwe mw’ishengero rya gikirisu ryo mu ntango, akenshi yarakora ibikorwa vy’amaboko kugira ntabere umuzigo abandi. (Ivyakozwe 20:34) Ivyo birerekana ko yagamburuka itegeko Yezu yatanze rigira riti: “Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.”Matayo 10:7, 8.

Ivyabona vya Yehova barisunga iyo mirongo yo muri Bibiliya. Ntibagurisha ibitabu vyabo canke ngo basabe amahera abo bigisha Bibiliya. Mbere ntibasaba ikigiracumi canke ngo batoze imperezwa mu makoraniro yabo. Ahubwo amahera akenewe, aboneka biciye ku ntererano umuntu atanga avyishakiye kandi atawumubona.Matayo 6:2, 3.

Vyari vyaravuzwe ko abantu bazoheba amadini

Mu myaka nka mirongo iheze, nta wari kwibaza ko amadini yoshikiwe n’ibiriko birayashikira ubu. Ariko Imana yari yarabibonye kandi yarabimenyesheje imbere y’igihe muri Bibiliya. Imana ikoresheje imvugo ngereranyo, yasanishije amadini yose atayigamburukira n’umumaraya yakaka yitwa “Babiloni Akomeye.”Ivyahishuwe 17:1, 5.

Ico kigereranyo kirabereye kuko naho amadini y’ikinyoma yivugisha ko adahemukira Imana, aracudika n’abategetsi b’isi kugira ngo aronke ububasha n’ubutunzi. Mu Vyahishuwe 18:9 havuga hati: “Abami b’isi bakoranye na we ubusambanyi.” Izina “Babiloni” na ryo nyene rirabereye kubera ko inyigisho nyinshi n’imigenzo myinshi vyo mu madini y’ikinyoma vyakomotse mu gisagara ca kera ca Babiloni carangwa n’idini ry’ikinyoma be n’ukwemera ibintazi. Zimwe muri izo nyigisho ni ukwemera ko hariho umutima w’ubwenge udapfa, ubutatu, n’imigenzo y’ubupfumu. *Yesaya 47:1, 8-11.

Igisagara gikomeye ca Babiloni caratemvye igihe ‘bakamya’ amazi yari agikingiye yava mu Ruzi Efurate. Ivyo vyatumye ingabo z’Abamedi n’Abaperesi zinjira zirigarurira ico gisagara. (Yeremiya 50:1, 2, 38) Ibaze nawe, Babiloni yatemvye mw’ijoro rimwe gusa!Daniyeli 5:7, 28, 30.

Babiloni Akomeye na yo nyene “yicaye ku mazi menshi.” Bibiliya itubwira ko ayo mazi ari “ibisata vy’abantu n’amasinzi,” ni ukuvuga abantu amamiliyoni bashigikiye idini ry’ikinyoma. (Ivyahishuwe 17:1, 15) Bibiliya yari yaravuze ko ayo mazi y’ikigereranyo yokamye, ivyo bikaba vyerekana ugutemba kwimirije kwa Babiloni yo muri iki gihe. (Ivyahishuwe 16:12; 18:8) None ni nde azoyitembagaza? Ni abanyapolitike bahora bacuditse na yo. Bazoyihinduka nk’inzoka yo mu nda. Vyongeye, bazorya inyama zayo z’ikigereranyo, ni ukuvuga ko bazoyisahura.Ivyahishuwe 17:16, 17. *

Kwa kugabanuka kw’amazi yari akikuje Babiloni kugereranya abantu baguma bava muri Babiloni Akomeye

“Nimuve iwe”!

Kubera ibiraririye gushikira Babiloni Akomeye, Imana itubwira ibigiranye urukundo iti: “Nimuve iwe, bantu banje, nimba mudashaka gusangira na we ibicumuro vyiwe, nimba kandi mudashaka kuronka ku vyago vyiwe.” (Ivyahishuwe 18:4) Urabona ko ijambo “nimba” rigaruka incuro zibiri. Ego cane, Imana iraburira abantu bipfuza gutoneshwa na yo kandi bababazwa n’inyigisho mbi z’amadini. Abo bantu ni nka Gaffar na Hediye bavuzwe mu ntango.

Imbere y’uko Gaffar yiga Bibiliya yagamburukira Imana kubera gusa ayitinya. Yavuze ati: “Vyarampumurije kumenya ko Yehova ari Imana y’urukundo be n’uko yipfuza ko tumugamburukira tubitumwe n’urukundo.” (1 Yohani 4:8; 5:3) Hediye yararonse amahoro yo mu mutima igihe yamenya ko atari Imana yatumye aba impfuvyi. Yarahumurijwe n’ivyanditswe vyo muri Bibiliya nk’ico muri Yakobo 1:13 kivuga ko Imana itagerageresha abantu ibibi. We na Gaffar baremeye ukuri kwo muri Bibiliya maze barava muri “Babiloni.”Yohani 17:17.

Babiloni Akomeye niyatikizwa, nta vyago bizoshikira abagamburutse bakayivamwo kugira basenge “Data mu mpwemu no mu kuri.” (Yohani 4:23) Barizigiye kubona isi yuzuye “ubumenyi bwa Yehova nk’uko amazi apfutse ikiyaga.”Yesaya 11:9.

Emwe, ugusenga kw’ikinyoma n’ivyamwa vyakwo biboze bizokurwaho kuko Imana “idashobora kubesha.” (Tito 1:2) Ariko ugusenga kw’ukuri kwokwo kuzokwamaho ibihe bidahera.

^ ing. 16 Ushaka ayandi makuru yerekeye Babiloni Akomeye be n’ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ubupfumu, ingene abapfuye bamerewe n’ingene Imana imeze, raba igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Kiraboneka no kuri internet kuri www.pr2711.com.

^ ing. 18 Raba ikiganiro kiri muri iyi Be maso! kivuga ngo “Twisunze Bibiliya—Umuhero w’isi.”