Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Abantu bo mu bihe vya Bibiliya bamenya gute ko umwaka canke ukwezi vyatanguye?

IGIHE Abaheburayo bari mu Gihugu c’isezerano, umwaka usanzwe watangurana n’ukurima be n’ugutera, ivyo bakaba babigira hagati ya Nyakanga na Gitugutu vyo muri iki gihe.

Ikirangamisi c’amezi 12 baharura bafatiye ku mboneko z’ukwezi (buri kwezi kukaba kwagira imisi 29 canke 30) catuma umwaka uba mugufi ugereranije n’ico baharura bafatiye ku zuba. Abantu baca barondera ingene bohuza ubwo buryo bubiri bwo guharura ibihe. Ivyo babigira mu kwongerako iyindi misi canke ukundi kwezi haciye igihe kanaka, kumbure imbere y’uko umwaka ukurikira utangura. Ivyo vyaca bituma ikirangamisi gihura n’ibihe vyo gutera canke vyo kwimbura.

Ariko rero mu gihe ca Musa, Imana yabwiye abasavyi bayo yuko umwaka ujanye nivyo gusenga  wotanguranye n’ukwezi kwa Abibu, ari kwo Nisani, mu gihe c’impeshi. (Kuv. 12:2; 13:4) Umusi mukuru waba muri ukwo kwezi wari uwo kwimbura sayiri.​—Kuv. 23:15, 16.

Umushakashatsi umwe yitwa Emil Schürer, yanditse mu gitabu ciwe (The History of the Jewish People in the Age of Jesus Christ, [175 M.K.–135 N.K.]) ati: “Vyari vyoroshe cane kumenya igihe co kwongerako canke kutongerako iyindi misi canke ukundi kwezi ku kirangamisi. Umusi mukuru wa Pasika, uwahimbazwa igihe ukwezi kwaba ari igisyo mu kwezi kwa Nisani (itariki 14 Nisani), wategerezwa kwama ugirwa mu mpeshi, bukeye haraye habaye umusi usanga ijoro n’umurango bingana . . . Nimba rero mu mpera z’umwaka bibonetse ko Pasika yoshitse imbere y’uwo musi, baca bamenyesha ko hongeweko ukwezi [kugira 13] imbere y’uko ukwezi kwa Nisani gushika.”

Ivyabona vya Yehova bakoresha ubwo buryo nyene igihe barondera kumenya itariki bazohimbarizako Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, iyama ishika mu mpeshi kandi igahura n’itariki 14 ku kirangamisi c’Abayuda. Amashengero yo hirya no hino kw’isi amenyeshwa iyo tariki imbere y’igihe. *

None Abaheburayo bamenya gute ko ukwezi kumwe guheze be n’uko ukundi gutanguye? Muri iki gihe biroroshe kumenya kubera ko umuntu abirabira ku kirangamisi gicapuye canke ico mu buhinga bwa none. Ariko mu bihe vya Bibiliya ntivyari vyoroshe namba.

Mu gihe c’Umwuzure ukwezi kwafatwa ko kugizwe n’imisi 30. (Ita. 7:11, 24; 8:3, 4) Mu nyuma, Abaheburayo bahavuye babona ko ukwezi kutari kugizwe n’imisi 30 ntarengwa. Ku kirangamisi c’Abaheburayo, ukwezi kwatangurana n’imboneko z’ukwezi. Haba haciye imisi 29 canke 30 ukwezi kw’imbere y’aho gutanguye.

Igihe kimwe Dawidi na Yonatani baravuze ibijanye n’ukwezi gushasha bati: “Ejo ni imboneko y’ukwezi.” (1 Sam. 20:5, 18) Biboneka yuko ico gihe abantu bashobora kumenya amezi hakiri kare. None Umwisirayeli asanzwe yashobora gute kumenya ko ukwezi gushasha kwatanguye? Igitabu citwa Mishnah, kikaba ari icegeranyo c’amategeko y’Abayuda yatangwa ku munwa be n’imigenzo yabo, kiratanga amakuru amwamwe y’ingene vyagenda. Kivuga ko inyuma y’aho Abayuda baviriye mu bunyagano, sentare nkuru y’Abayuda ari yo yavyitwararika. Mu mezi indwi yabamwo imisi mikuru, iyo sentare yarakorana ku musi ugira 30 wa buri kwezi. Abari bagize iyo sentare ni bo bashinga umusi ukwezi gukurikira kwotanguriyeko. None bisunga iki?

Mu bibanza bikirurutse vyo hirya no hino ya Yeruzalemu, harashirwa abantu barereka ko ukwezi gushasha guseruka. Kubonetse baca babimenyesha ya sentare nkuru. Abagize iyo sentare babonye ko bafise ibimenyamenya bikwiye vy’uko ukwezi gushasha kwaba kwaserutse, baca batangaza ko ukwezi gushasha gutanguye. Vyagenda gute hoho igihe ibicu canke igipfungu vyatwikira ikirere ku buryo izo nderetsi zitabona ko ukwezi kwaserutse? Ukwezi baba barimwo baca bavuga ko kuzogira imisi 30, maze ukundi kukabona gutangura.

Ca gitabu Mishnah kivuga yuko abantu bamenyeshwa ingingo Sentare nkuru yaba yafashe biciye ku muriro wacanwa ku Musozi w’Imyelayo, hafi ya Yeruzalemu. Mu bindi bibanza bikirurutse vyo muri Isirayeli yose, na ho nyene baca bacana umuriro kugira bamenyeshe iyo nkuru. Mu nyuma bahavuye baza bararungika intumwa zikaja kumenyesha ayo makuru. Gutyo, Abayuda b’i Yeruzalemu, abo muri Isirayeli yose, n’abari barasabagiye mu mihingo itandukanye, baramenyeshwa ko ukwezi gushasha gutanguye. Ivyo rero vyatuma bose bahimbariza rimwe imisi mikuru y’ibiringo.

Igicapo gikurikira kirashobora kugufasha gutahura neza ibijanye n’ingene amezi, imisi mikuru n’ibiringo vyari bimeze mu gihe c’Abisirayeli.

^ Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ruhuhuma 1990, rup. 15, n’“Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara (mu gifaransa) wo ku wa 15 Nyakanga 1977.