Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ABASOMYI BACU BARABAZA . . .

Imigenzo ijanye na Noweli hari ico itwaye?

Imigenzo ijanye na Noweli hari ico itwaye?

Kuva kera abantu bamye bavuga ko Noweli ari umusi mukuru w’abakirisu wo kwibuka ivuka rya Yezu. Ariko rero imigenzo myinshi igirwa kuri uwo musi ituma twibaza ingene vyagenze ngo itangure kugirwa mu guhimbaza ivuka rya Yezu.

Umugenzo wa mbere ni uwujanye na Père Noël. Bivugwa ko mu 1931 ihinguriro rimwe ryo muri Amerika y’Epfo ari ryo ryatanguye gukoresha uwo bita Père Noël kugira ngo rimenyekanishe ibinyobwa vyaryo kuri Noweli, kandi ryararoraniwe. Uwo Père Noël yari umugabo w’amatama, yambara impuzu zitukura n’ubwanwa bwera. Mu myaka ya 1950, Abanyabrezile bamwebamwe baragerageje gusubiriza Père Noël n’umuntu avugwa cane mu bitito vyabo. None vyavuyemwo iki? Umuhinga yitwa Carlos E. Fantinati avuga ko Père Noël atatsinze gusa uwo muntu ahubwo ko “yatsinze n’akana Yezu maze aba we muntu ahambaye ku musi mukuru wa Noweli.” None uwo mugenzo wonyene woba ari wo utuma Noweli iba mbi? Kugira turonke inyishu reka dusubire inyuma gatoyi mu ntango y’ubukirisu.

Igitabu kimwe (Encyclopedia Britannica) kivuga ko “inyuma y’ibinjana bibiri abakirisu babayeho, hariho abiyamiriza cane ivyo guhimbaza imisi abamaratiri bavukiyeko harimwo n’uwa Yezu.” Uti kubera iki? Abakirisu babona ko guhimbaza imisi y’ivuka ari umugenzo w’abapagani, ko bakwiye rero kuvyirinda. Nkako, Bibiliya ntivuga itariki Yezu yavukiyeko.

Mu kinjana ca kane, naho abakirisu bo mu ntango biyamiriza umugenzo wo guhimbaza imisi y’ivuka, Ekleziya gatolika yaratanguje Noweli. Kubera ko Ekleziya yashaka gukomera, yabanje gukuraho imwe mu ntambamyi nyamukuru yari ifise. Yari igeramiwe n’ugukwiragira kw’amadini y’Abaroma ya gipagani be n’imisi mikuru yabo yo guhimbaza izuba. Igitabu kivuga ibijanye na Noweli muri Amerika canditswe na Penne L. Restad cerekana ko buri mwaka, kuva ku wa 17 Kigarama gushika ku wa 1 Nzero, “Abaroma nka bose bagira imisi mikuru, bagakina inkino, bakidagadura, bakagira ingendo bakagira n’ibindi birori kugira batere iteka ibimana vyabo.” Ku wa 25 Kigarama na ho baca bahimbaza umusi w’ivuka ry’izuba mudatsindwa. Mu guhimbaza Noweli kuri uwo musi, Ekleziya yarakwegakweze Abaroma benshi batangura guhimbaza ivuka rya Yezu aho guhimbaza ivuka ry’izuba. Igitabu kimwe (Santa Claus, a Biography) canditswe na Gerry Bowler kivuga ko Abaroma “bari bagikora imigenzo ijanye na ya misi mikuru yabo.” Mu bisanzwe “nta co bahinduye.”

Biragaragara rero ko imigenzo ya Noweli ari mibi ahanini kubera inkomoko yayo mbi. Mu gitabu (The Battle for Christmas) Stephen Nissenbaum yanditse, avuga ko Noweli “ari umusi mukuru wa gipagani wasizwe gusa akarangi k’ubukirisu.” Noweli rero iratukisha Imana n’Umwana wayo Yezu Kristu. None ico coba ari ikintu ata co kivuze? Bibiliya ibaza iti: “Ubugororotsi n’ubugarariji bihuriye ku ki? Canke umuco usangiye iki n’umwiza?” (2 Abakorinto 6:14) Nka kurya kw’igiti cakuze kigoramye, Noweli iragoramye cane ku buryo “[ida]shobora kugororwa.”Umusiguzi 1:15.