Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Televiziyo yacu ‘iraturemesha cane!’

Televiziyo yacu ‘iraturemesha cane!’

KUVA aho ya televiziyo yacu yo kuri internet itanguriye gukora mu 2014, ibiganiro bica kuri yo biguma biremesha kandi bigahumuriza abantu benshi bo hirya no hino kw’isi. Ivyo biganiro biraboneka mu ndimi zirenga 90. Nk’akarorero, ubu biraboneka mu rurimi rwitwa ewe, urwitwa ga n’urwitwa twi (raba ifoto). Ivyo bituma abamamaji barenga 130.000 bo muri Bénin, Côte d’Ivoire, Gana na Togo bavyungukirako. *

Agatha ni umugore w’umucungezi w’umuzunguruko wo muri Gana. Avuga ati: “Iyo ndiko ndumviriza abagize Inama Nyobozi n’ababafasha, mbona umenga ni Yehova ariko aranganiriza nibereye muhira. Iyo hataba iyo televiziyo, umuntu nyarucari nkanje yibera mu minyaganyaga yokuye he agateka nk’ako? Iratuma twumva ko turi hafi y’abavukanyi bacu bo kw’isi yose.”

Raporo yavuye muri Zambiya igira iti: “Naho abamamaji bo mu mashengero menshi bakenye, barigora kugira bungukire kuri televiziyo yacu. Nk’akarorero, ishengero rya Misako riri ku bilometero nka 30 uvuye mu gisagara citwa ko kiri hafi, mu karere ko hagati mu gihugu kuzuyemwo inzuzi zitemba cane mu rushana.” Umukozi w’ishengero yitwa Simon yaje gufasha muri iryo shengero agira ati: “Buri kwezi, umuntu wo mw’ishengero aragira urugendo rw’amasaha abiri n’amaguru kugira ashike kw’ibarabara rikuru. Ahashitse aca yipakiza akaja mu gisagara kirimwo abavukanyi bashobora kuvoma ivyo biganiro. Umutama umwe w’imyaka 70 n’abahungu biwe babiri ntibari bwigere bitaba amakoraniro. Uwo mutama yaratangaye yumvise ko berekana amavidewo ku makoraniro muri ako karere ko mu minyaganyaga. Yavuze ati: ‘Ubwo ni bwo buryo bwiza bwo kwiga ivyerekeye Imana.’”

Ikete ryo gukenguruka ryavuye mu Burusiya rigira riti: “Haraheze umwaka turaba televiziyo yacu kandi ico kintu kiraduhimbara. Igihe twaraba ikiganiro cayo ca mbere, twaciye tubona ko twunze ubumwe n’abavukanyi bo kw’isi yose! Vyari bitangaje! Tubona ko tugize umuryango munini! Twarahimbawe cane no kubona abavukanyi bacu bo mu Nama Nyobozi. Baradutegurira ibifungurwa ku gihe kibereye, kandi twese turashobora kubabona. Si twe tubona harageze ko turaba ivyo biganiro. Turishimira kuba twitwa Ivyabona vya Yehova. Turabakengurukiye cane bavukanyi! Turashimiye cane Yehova na Kristu kubera ibikorwa vyiza bakora. Ivyo biganiro biradukomeza kandi bikaturemesha!”

Horst na Helga ni umutama n’umutamakazi wiwe bo mu Budagi bafise amagara make. Banditse bati: “Televiziyo yacu ntisanzwe. Turakomezwa canecane n’uburorero bw’abavukanyi bacu bafise amagara make. Uburorero bwabo buraturemesha gukora ivyo dushoboye vyose naho dufise ingorane z’amagara. Igihe twabona umukurambere amugaye amaguru yose, vyaratwigishije ko twese dufise ikintu c’agaciro twoha Yehova. Iyo tubonye abavukanyi b’intangakarorero nk’abo, nta kindi twokora atari gushimira Yehova no kumusaba ngo abahezagire cane.”

Kodi wo mu Bwongereza avuga ati: “Ndabashimiye cane kubera umwanya n’inguvu mukoresha mu gutegura jw.org, televiziyo yacu n’utuvidewo twa Kalebu. Ndabashimiye cane kubera mutuma Bibiliya yoroha gutahura. Nabatijwe mfise imyaka umunani. Ninakura nzoja gufasha kwubaka Ingoro z’Ubwami! Nshaka no kuzokorera kuri Beteli. Ubu mfise imyaka icenda. Murumva rero ko hari mu kugera.”

Agakobwa k’imyaka umunani ko mu Bwongereza kitwa Arabella kanditse gati: “Ndabashimiye kubera utuvidewo n’udukorwa musohora kuri jw.org. Turamfasha kumenya neza Yehova. Turamfasha kwiga ivyerekeye Yehova ndiko ndikinira. Murazi gukora indirimbo zoroshe kwibuka. Na twa tuvidewo twa Kalebu turamfasha. Ndabashimiye ku bintu vyose mukora.”

^ ing. 3 Ushaka kuraba iyo televiziyo, ja kuri tv.pr2711.com.