Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uzokora ivyo Yehova agomba?

Woba uzokora ivyo Yehova agomba?

Turagukengurukiye kuba wafashe akanya ugasuzuma ibiri muri aka gatabu kugira ngo umenye Ivyabona vya Yehova abo ari bo, umenye ibikorwa turangura, wongere ubone ukuntu ishirahamwe ryacu rikora. Twizigiye ko aka gatabu kagufashije kubona ko twebwe turiko turakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe. Tukuremesheje kubandanya wironsa ubumenyi bwerekeye Imana, kuyagira incuti zawe n’abagenzi bawe ivyo uriko uriga, no kwifatanya natwe udahorereza mu makoraniro yacu ya gikirisu.—Abaheburayo 10:23-25.

Uko uzobandanya wiga ivyerekeye Yehova, ni ko uzorushiriza kwibonera ko agukunda vy’ukuri. Ivyo bizoheza bikuvyurire umutima wo gukora ivyo ushoboye vyose kugira ngo umwereke ko nawe umukunda. (1 Yohani 4:8-10, 19) None mu buzima bwawe bwa misi yose ushobora gute kwerekana ko ukunda Imana? Kubera iki kwubahiriza ingingo ngenderwako zayo zigenga inyifato runtu ari wewe bigirira akamaro? Kandi ni igiki kizotuma wipfuza kwifatanya natwe mu gukora ivyo Imana igomba? Uwukwigisha Bibiliya azohimbarwa no kukwereka inyishu z’ivyo bibazo kugira wewe n’umuryango wawe mushobore “[kwigumiza] mu rukundo rw’Imana . . . ngo muronke ubuzima budahera.”—Yuda 21.

Turaguteye akamo n’igishika cinshi ngo ubandanye utera imbere mu nzira y’ukuri mu kwiga iki kindi gitabu . . . “Mwigumize mu rukundo rw’Imana.”