Bibiliya itwigisha iki?
Iki gitabu kigenewe kugufasha kumenya ico Bibiliya ivuga ku bibazo vyinshi, nk’akarorero igituma dushikirwa n’imibabaro, ingene abapfuye bamerewe, ingene tworonka agahimbare mu rugo, n’ibindi.
Imana idufitiye umugambi uwuhe?
Ushobora kuba wibaza igituma hari ingorane nyinshi muri iki gihe. Bibiliya yigisha ko Imana igiye gukuraho ingorane abantu bafise nk’ibintu biduteza imibabaro, indwara n’urupfu.
IKIGABANE CA 1
Imana ni nde?
Woba wibaza ko Imana ikubabaye? Nurabe ukuntu imeze n’ingene woba kuba umugenzi wayo.
IKIGABANE CA 2
Bibiliya ni igitabu kiva ku Mana
Bibiliya yogufasha gute mu ngorane zawe? Kubera iki wokwizigira ubuhanuzi buri muri yo?
IKIGABANE CA 3
Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye abantu?
Ubuzima buzoba bumeze gute isi niyahinduka iparadizo?
IKIGABANE CA 4
Yezu Kristu ni nde?
Raba igituma Yezu ari we Mesiya yari yarasezeranywe, iyo yakomotse be n’igituma ari Umwana w’ikinege wa Yehova.
IKIGABANE CA 6
Iyo umuntu apfuye aja he?
Raba ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’iyo abapfuye bari hamwe n’igituma abantu bapfa.
IKIGABANE CA 7
Abapfuye bazozuka!
Woba umaze kubura uwawe? Woba uzosubira kumubona? Raba ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’izuka.
IKIGABANE CA 8
Ubwami bw’Imana ni iki?
Abantu benshi barazi igisabisho ca Dawe wa twese. Imvugo ngo: “Ubwami bwawe nibuze” isobanura iki?
IKIGABANE CA 9
Umuhero woba uri hafi?
Raba ukuntu inyifato n’ibikorwa vy’abantu badukikuje vyerekana ko umuhero w’isi uri hafi, nk’uko Bibiliya yabivuze.
IKIGABANE CA 10
Ukuri kwerekeye abamarayika
Bibiliya irahishura ukuri ku bamarayika n’amadayimoni. Boba babaho vy’ukuri? Boba bashobora kudufasha canke kutugirira nabi?
IKIGABANE CA 11
Kubera iki hari imibabaro myinshi?
Abantu benshi bibaza ko Imana ari yo yobazwa ingorane zose ziba kw’isi. Wewe uvyibazako iki? Raba imvo Imana itanga zituma haba imibabaro.
IKIGABANE CA 12
Ingene woba umugenzi w’Imana
Birashoboka ko ubaho uhimbara Yehova. Urashobora no kuba umugenzi wiwe.
IKIGABANE CA 13
Niwubahe ubuzima
Imana ibona gute ivyo gukorora inda, guterwa amaraso hamwe n’ubuzima bw’igikoko?
IKIGABANE CA 14
Ingene mwohimbarwa mu rugo
Urukundo Yezu yagaragaje ni akarorero keza ku bagabo, abagore, abavyeyi n’abana. Tumwigirako iki?
IKIGABANE CA 16
Nusenge Imana mu kuri
Ni ingorane izihe ushobora kugira igihe ubwira abandi ivyo wemera? Wobigira gute utiriwe urabababaza?
IKIGABANE CA 17
Kuganira n’Imana mw’isengesho
Imana yoba yumviriza amasengesho yawe? Kugira uronke inyishu y’ico kibazo, urakeneye kumenya ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’isengesho.
IKIGABANE CA 18
Noba nkwiye kubatizwa?
Ni intambwe izihe umuntu akeneye gutera imbere yo kubatizwa? Raba ico ibatisimu igereranya n’ingene ikwiye kugirwa.
IKIGABANE CA 19
Nugume wiyegereje Yehova
Twokwerekana gute ko dukunda Imana be n’uko dukenguruka ibintu vyose yadukoreye?
Utujambo two ku mpera
Insiguro y’amajambo akoreshwa mu gitabu Bibiliya itwigisha iki?