Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA KABIRI

“Yagendana n’Imana y’ukuri”

“Yagendana n’Imana y’ukuri”

1, 2. Nowa n’umuryango wiwe bariko bakora igikorwa ikihe, kandi ni ingorane zimwezimwe izihe bahura na zo?

NOWA arunamuka akigorora, akaba yumva atonekara umubiri wose. Niwihe ishusho yicaye ku rugegene rw’igiti, aruhutse gatoya, yitegereza ubwato amahero ariko arubaka. Arumva akamoto kōkêra k’ikaburimbo ishushe, akumva n’urwamo rw’ibikoresho vy’ububaji. Ari aho yicaye, arabona ingene abahungu biwe bariko barakorana umwete mu kwubaka ibice bitandukanye vy’iyo nyubakwa amahero y’ibiti. Umukenyezi wiwe yikundira, abahungu biwe n’abakenyezi babo, baramaze imyaka mirongo bakorana na we ico gikorwa batiziganya. Naho igikorwa bakirembeje, impinga iracari ndende!

2 Ico gihe, abantu bo mu karere Nowa yabamwo biyumvira yuko Nowa n’abiwe bose batari bakomeye mu mutwe. Uko bateza imbere ico gikorwa co kwubaka ubwato, ni ko abantu barushiriza gutwengera mw’ijigo ivy’uko hazoza umwuzure kw’isi yose. Ico cago Nowa yababwira ko kizoza, babona ko ari ikintu kitabaho kandi kidashoboka! Ntibumva ingene umuntu yopfisha ubusa ubuzima bwiwe n’ubw’umuryango wiwe mu gukora igikorwa c’ubujuju nk’ico. Ariko Imana Nowa yasenga, ari yo Yehova, ntiyabona Nowa nk’uko abo bantu bamubona.

3. Ni mu buryo ki Nowa yagendana n’Imana?

3 Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Nowa yagendana n’Imana y’ukuri.” (Soma Itanguriro 6:9.) None ivyo bisobanura iki? Ntibisobanura ko Imana yagendagenda kw’isi, canke ko Nowa yoba yaragiye mw’ijuru. Ahubwo bisobanura ko Nowa yumvira cane Imana yiwe Yehova be n’uko yayikunda rwose ku buryo bimera nk’aho we na Yehova bagendana nka kurya kw’abagenzi. Haciye imyaka ibihumbi, Bibiliya yavuze ku bijanye na Nowa iti: ‘Biciye ku kwizera kwiwe yaratsindishije isi.’ (Heb. 11:7) Mu buryo ki? Vyongeye, twigira iki ku kwizera kwiwe muri iki gihe?

Yari umugororotsi mw’isi igoramye

4, 5. Mu gihe ca Nowa, ni gute isi yarushirije kuba mbi?

4 Nowa yakuriye mw’isi yaguma irushiriza kumera nabi. No mu gihe ca sekuruza wiwe Henoki, uno akaba ari uwundi muntu w’umugororotsi yagendana n’Imana, isi yari imeze nabi. Henoki yari yaravuze yuko umusi w’urubanza woje ku bantu batibanga Imana bo mu gihe ciwe. Ariko mu gihe ca Nowa hoho, ububi bwari bwabaye ndanse. Kukaba nkako, Yehova yabona yuko isi yononekaye, kuko yari yuzuye ubukazi. (Ita. 5:22; 6:11; Yuda 14, 15) None vyari vyagenze gute ngo ibintu vyunyuke ukuraho?

5 Hari ikintu kibabaje cane cari carabaye mu bana b’Imana b’impwemu, ari bo bamarayika. Umwe muri bo yari yaragararije Yehova, acika Shetani Umubesheranyi kubera ko yabesheye Imana akongera agahenda Adamu na Eva bagacumura. Mu gihe ca Nowa, hari abandi bamarayika batanguye kugarariza ubutegetsi bugororotse bwa Yehova. Barahevye ikibanza Imana yari yarabahaye mw’ijuru, baza kw’isi, biyambika imibiri y’abantu, baca biyabirira abagore bezabeza. Abo bamarayika b’abagarariji, b’ubwibone n’ubwikunzi, baragize akosho kabi cane ku bantu.​—Ita. 6:1, 2; Yuda 6, 7.

6. Abanefilimu batumye kw’isi ibintu bigenda gute, kandi ni ingingo iyihe Yehova yaciye afata?

6 Vyongeye, abo bamarayika bararyamanye n’abo bagore kandi bitari bibereye, bavyarana na bo abana b’imvange kandi b’ibigatanya. Abo bana Bibiliya ibita Abanefilimu, iryo jambo rikaba risobanura ngo “abagwisha abandi” twisunze insobanuro yaryo y’inkomoko. Abo Banefilimu b’inkazi kandi bahahaza abandi, baratumye ubugizi bwa nabi n’ukutibanga Imana vyongerekana kw’isi. Ntibitangaje rero kuba Umuremyi yarabona ko “ububi bw’umuntu bwari bugwiriye mw’isi be n’uko impengamiro yose y’ivyiyumviro vy’umutima wiwe yari mbi gusa igihe cose.” Yehova yaciye afata ingingo y’uko mu myaka 120 yoranduye abo bantu babi.​—Soma Itanguriro 6:3-5.

7. Nowa n’umukenyezi wiwe barwana urugamba uruhe mu gukingira abana babo inyosha mbi zo muri ico gihe?

7 Iyumvire ukuntu vyari bigoye kugira umuryango mw’isi imeze gutyo! Yamara ukwo nyene ni ko ivya Nowa vyari vyifashe. Nowa yararonse umugore ameze neza. Nowa ashikanye imyaka 500, umukenyezi wiwe yaribarutse abahungu batatu, ari bo Shemu, Hamu na Yafeti. * We n’umukenyezi wiwe babwirizwa gukingira abo bana babo inyosha mbi z’abari babakikuje. Kubera ko abana batoyi usanga bakunda gutangarira cane abantu b’“abanyenkomezi” kandi ba “rurangiranwa,” bategerezwa kuba baratangarira Abanefilimu. Nowa n’umukenyezi wiwe ntibashobora gukingira abana babo ngo ntibumve inkuru n’imwe ijanye n’ibintu bidasanzwe ivyo bigatanya vyakora, mugabo barashobora kubigisha ukuri guhimbaye kwerekeye Yehova Imana, umwe yanka ububisha bwose. Bategerezwa gufasha abo bana gutahura ko Yehova yababazwa n’ububisha be n’ubugarariji vyari vyiraye mw’isi.​—Ita. 6:6.

Nowa n’umukenyezi wiwe bategerezwa gukingira abana babo inyosha mbi

8. Abavyeyi b’inkerebutsi muri iki gihe bokwigana gute akarorero ka Nowa n’umukenyezi wiwe?

8 Muri iki gihe, abavyeyi barashobora gutahura urugamba Nowa n’umukenyezi wiwe barwanye. Isi tubamwo yuzuyemwo ubugarariji n’ububisha. Ibisagara kenshi usanga vyuzuyemwo imigwi y’urwaruka rw’inkozi z’ikibi. Mbere n’ibintu vyo kwinezereza bigenewe abana bakiri bato usanga vyuzuyemwo ibintu vy’ubukazi. Abavyeyi b’inkerebutsi baragira uko bashoboye kwose kugira bazibire izo nyosha mbi mu kwigisha abana babo ivyerekeye Imana y’amahoro Yehova, iyizokuraho ububisha bwose umusi uri izina. (Zab. 11:5; 37:10, 11) Bavyeyi, murashobora kuroranirwa nk’uko Nowa n’umukenyezi wiwe baroranirwe! Abahungu babo barakuze, baba abantu bameze neza, mu nyuma barongora abagore bipfuza na bo nyene gushira imbere mu buzima bwabo Imana y’ukuri Yehova.

“Niwihingurire ubwato”

9, 10. (a) Ni itegeko irihe Yehova yatanze ryatumye ubuzima bwa Nowa buhinduka? (b) Ni igiki Yehova yamenyesheje Nowa ku bijanye n’ingene ubwo bwato bwobaye bumeze be n’intumbero yabwo?

9 Umusi umwe, ubuzima bwa Nowa bwarahindutse rimwe rizima. Yehova yaravuganye n’uwo musavyi wiwe mukundwa, aramubwira ibijanye n’umugambi yari afise wo gukuraho isi y’ico gihe. Imana yategetse Nowa iti: “Niwihingurire ubwato mu mbaho z’igiti c’uburembo.”​—Ita. 6:14.

10 Ubwo bwato ntiyari imeri nk’uko bamwebamwe bavyiyumvira. Imbere ntibwari busongoye kandi n’inyuma ntibwari bwigonze nka kurya kw’imeri; ntibwagira ingafe, canke ngo bugire ico twokwita uruti rw’umugongo rw’imeri, kandi nta na hamwe bwari bwigonze. Muri rusangi bwari bumeze nk’igisandugu amahero. Yehova yarahaye Nowa ibipimo bitomoye vy’ubwo bwato, aramuha amakuru amwamwe ajanye n’ukuntu butegerezwa kumera, yongera amubwira ko akwiye kubusiga ikaburimbo imbere n’inyuma. Yarasiguriye Nowa igituma, ati: “Ehe ngira nzane umwuzure w’amazi kw’isi . . . Ikintu cose kiri mw’isi kizopfa.” Ariko Yehova yaciye agirana na Nowa iri sezerano, ati: “Uze winjirane mu bwato n’abahungu bawe n’umugore wawe n’abagore b’abahungu bawe.” Mu bwoko bwose bw’ibikoko, Nowa yabwirizwa kandi kugira ivyo yinjije muri ubwo bwato. Ivyobaye biri mu bwato ni vyo vyonyene vyorokotse uwo Mwuzure!​—Ita. 6:17-20.

Nowa n’umuryango wiwe barakoreye hamwe kugira bashitse ivyo Imana yari yabategetse

11, 12. Nowa yari afise igikorwa kitoroshe ikihe, kandi yavyifashemwo gute?

11 Nowa yari afise igikorwa kitoroshe. Ubwo bwato bwabwirizwa kuba bunini cane, bukagira uburebure bw’imetero nka 133, ubwaguke bw’imetero nka 22, n’amahagarara y’imetero nka 13. Bwari bunini cane gusumba imeri zose zo muri iki gihe zikozwe mu mbaho zigira ingendo mw’ibahari. None Nowa yoba yaranse gukora ico gikorwa? Yoba yaridoze avuga ko kigoye? Canke yoba yagikoze uko avyumva kugira ngo yiyorohereze? Bibiliya yishura iti: “Nowa akora yisunze ivyo Imana yari yamutegetse vyose. Akora kuno nyene.”​—Ita. 6:22.

12 Ico gikorwa catwaye igihe kitari gito, kumbure hagati y’imyaka 40 na 50. Bategerezwa kwicira ibiti, bakarwana na vyo babikwega, bakabigegena, bakabiha imero bipfuza hanyuma bakabifatanya. Ubwo bwato bwabwirizwa kugira amagorofa atatu, ivyumba bitari bike, n’umuryango mu mbavu. Biboneka ko bwari bufise n’amadirisha amaja hejuru, bukagira n’igisenge kiduze gatoya hagati kugira ngo amazi akigwako ace aseseka.​—Ita. 6:14-16.

13. Ni ikindi gikorwa ikihe Nowa yategerezwa gukora gishobora kuba cari kigoye gusumba kwubaka ubwato, kandi abantu bacakiriye gute?

13 Uko imyaka yarengana, ishusho y’ubwo bwato na yo ikarushiriza kuboneka, Nowa abwirizwa kuba yararyoherwa cane no kubona umuryango wiwe umufata mu mugongo! Hariho ikindi kintu Nowa yategerezwa gukora gishobora kuba cari kigoye gusumba kwubaka ubwo bwato. Bibiliya itubwira yuko Nowa yari “umwamamaji w’ubugororotsi.” (Soma 2 Petero 2:5.) Yaragize rero umutima rugabo, araja imbere abo mu muryango wiwe mu kuburira abantu babi b’ico gihe kandi batibanga Imana, arabamenyesha yuko Imana yimirije kubatikiza. None bavyakiriye gute? Imyaka itari mike inyuma y’aho, Yezu Kristu yaravuze ko abantu b’ico gihe ‘batagize ico bitaho.’ Yavuze yuko batwawe cane n’ibintu vyo mu buzima bwa misi yose, nko kurya, kunywa no kurongora, ku buryo banka kwumviriza Nowa. (Mat. 24:37-39) Nta gukeka ko benshi batwenga Nowa n’umuryango wiwe; bamwe bashobora kuba baragerageje kumutera ubwoba bongera baramurwanya bimwe bikaze. Bashobora mbere kuba baragerageje kuburabuza ico gikorwa co kwubaka.

Naho ibimenyamenya vyerekana ko Imana yariko irahezagira Nowa, abantu baramutwenze, baranka kwumvira ubutumwa yabashikiriza

14. Ni igiki imiryango y’abakirisu muri iki gihe ishobora kwigira kuri Nowa n’umuryango wiwe?

14 Naho ari ukwo, Nowa n’umuryango wiwe ntibigeze batana n’akabando. Bagumye bashira imbere igikorwa co kwubaka ubwato naho abari babakikuje babona ko ico gikorwa ata co kimaze, ko ari uguta umwanya canke ubujuju. Ukwizera kwa Nowa n’umuryango wiwe kurashobora rero kwigisha vyinshi imiryango y’abakirisu muri iki gihe. Nakare, tubayeho mu gihe Bibiliya yita “imisi ya nyuma” y’ivy’iyi si. (2 Tim. 3:1) Yezu yavuze yuko igihe cacu cobaye kimeze nk’igihe Nowa yubatsemwo ubwato. Igihe abakirisu bashikirije ubutumwa bwerekeye Ubwami bw’Imana, mugabo abantu bakerekana ko batabunezwe, bakabatwenga, canke mbere bakabahama, vyoba vyiza bibutse Nowa. Ntibazoba babaye aba mbere ivyo bishikiye.

“Injira mu bwato”

15. Nowa ari mu gushikana imyaka 600 yabuze ba nde?

15 Haraciye imyaka mirongo, ubwato burateba buruzura. Nowa ari mu gushikana imyaka 600, yarabuze abiwe. Se wiwe Lameki yarapfuye. * Haciye imyaka itanu, Metusela se wa Lameki, akaba na sekuru wa Nowa, yarapfuye afise imyaka 969, akaba ari we muntu yaramvye gusumba abandi bose bavugwa muri Bibiliya. (Ita. 5:27) Metusela na Lameki babayeho mu gihe ca Adamu, wa muntu wa mbere.

16, 17. (a) Nowa ashikanye imyaka 600 yaronse ubutumwa ubuhe? (b) Dondora ibintu vy’intibagirwa Nowa n’umuryango wiwe biboneye.

16 Igihe uwo sekuruza w’imiryango Nowa yari ashikanye imyaka 600, yararonse ubutumwa buvuye kuri Yehova Imana bugira buti: “Injira mu bwato, wewe n’urugo rwawe rwose.” Ico gihe nyene, Imana yabwiye Nowa ngo yinjize mu bwato ubwoko bwose bw’ibikoko, akinjiza indwindwi ku bidahumanye, ni ukuvuga, ibishobora gutangwako ikimazi, ku bihumanye na ho akinjiza bibiribibiri.​—Ita. 7:1-3.

17 Ibikoko ibihumbi n’ibihumbi vyarasegenyutse bivuye irya n’ino: Uri ibitambuka, ibiguruka, ivyikwega hasi, ibitaragurika be n’ibibwatabwata; ivyo bikoko vyose bikaba vyari bitangaje uravye ukuntu vyari bimeze kuko wasanga harimwo bininibinini na bitobito, ibisa uku na kuriya, ibikaze be n’ibitekereza. Emwe, ico kintu Nowa yiboneye kibwirizwa kuba camubereye intibagirwa! Ntivyabaye ngombwa ko Nowa yegeranya ivyo bikoko; eka kandi ntiyiriwe aranyinyana na vyo canke ngo arinde kubiyengayenga kugira ngo vyinjire mu bwato bigumeyo. Iyo nkuru ivuga iti: ‘Birinjira bija aho Nowa ari mu bwato.’​—Ita. 7:9.

18, 19. (a) Twozirikana gute ku bibazo bivyurwa n’abatemera ibivugwa mu nkuru ya Nowa? (b) Dufatiye ku buryo Yehova yahisemwo mu kurokora ibikoko yaremye, ni gute tubona ubukerebutsi bwiwe?

18 Hari abatemera iyo nkuru boca babaza bati: ‘Ivyo vyari gushoboka gute? Ivyo bikoko vyose vyari gushobora gute kubana mu mahoro vyugaraniwe muri ubwo bwato?’ Zirikana ibi: Mbega Umuremyi yaremye ijuru n’isi vyomunanira vy’ukuri kuyobora no gucungera ibikoko yiremeye, mbere bikenewe agatuma bireka gukara kandi bikamenyerana n’abantu? Niwibuke yuko Yehova Imana ari we yaremye ibikoko. Haciye imyaka itari mike yaragabuyemwo kubiri Ikiyaga Gitukura arongera aratuma izuba riguma rihagaze. Wumva none vyari kumunanira gukora ivyo bintu vyose bivugwa muri iyo nkuru ya Nowa? Nta gukeka ko yari abishoboye, kandi yarabikoze!

19 Ni ivy’ukuri yuko Imana yari gushobora gukoresha ubundi buryo kugira ngo irokore ibikoko yaremye. Ariko mu bukerebutsi bwayo, yashimye gukoresha uburyo butwibutsa ukuntu mu ntango yizigiye abantu ikabazeza ibanga ryo kwitwararika ibinyabuzima vyose vyo kw’isi. (Ita. 1:28) Ni co gituma abavyeyi benshi muri iki gihe bakoresha iyo nkuru ya Nowa mu kwigisha abana babo yuko Yehova aha agaciro ibikoko n’abantu yaremye.

20. Nowa n’umuryango wiwe bashobora kuba bacurumba mu biki mu ndwi ya nyuma imbere y’uko Umwuzure utera?

20 Mu nyuma, Yehova yarabwiye Nowa yuko hari hasigaye indwi imwe Umwuzure ugatera. Nowa n’umuryango wiwe bategerezwa kuba baragize ibikorwa vyinshi kandi vyihuta muri iyo ndwi. Iyumvire igikorwa bari bafise co kwinjiza mu bwato ibikoko vyose be n’ibifungurwa vy’ivyo bikoko be n’ivy’uwo muryango, bakabishira ku rutonde bakongera bagaterurira mu bwato ivyo bari batunze. Umukenyezi wa Nowa hamwe n’abakenyezi b’abahungu biwe, Shemu, Hamu na Yafeti, bobo bashobora kuba baritayeho cane ivyo gutunganya ibintu mu bwato kugira habe ahantu habereye kuba.

21, 22. (a) Kubera iki tudakwiye gutangazwa n’ukutitaho ibintu kw’abantu bo mu gihe ca Nowa? (b) Agashinyaguro ababanyi ba Nowa bamushinyagurira we n’umuryango wiwe karangiye ryari?

21 None abandi bobo bite? Bagumye ‘ata co bitaho,’ naho babona ibimenyamenya vyinshi vyerekana yuko Yehova yariko arahezagira Nowa n’igikorwa yariko arakora. Bariboneye ingene ibikoko vyasegenyutse vyinjira mu bwato. Mugabo ukwo kutitaho ibintu kwabo ntigukwiye kudutangaza. Mu buryo busa n’ubwo, abantu bo muri iki gihe ntibitaho ibimenyamenya umuyoro vyerekana yuko tubayeho mu misi ya nyuma y’ivy’iyi si. Kandi nk’uko intumwa Petero yari yarabivuze, abashinyaguzi baraje n’agashinyaguro kabo, bakaba batwengera mw’ijigo abumvira imburi Imana itanga. (Soma 2 Petero 3:3-6.) Ukwo nyene ni ko abantu bashinyagurira Nowa n’umuryango wiwe.

22 None ako gashinyaguro karangiye ryari? Iyo nkuru itubwira yuko Nowa amaze kwinjiza mu bwato umuryango wiwe hamwe n’ibikoko, “Yehova [yaciye] yugara umuryango inyuma yiwe.” Nimba ico gihe hari abashinyaguzi ng’aho, ico kintu Imana yakoze gitegerezwa kuba carabanumije. Nimba kitabanumije, imvura yoyo yarabanumije, kuko yaciye igwa! Emwe, yaraguye, iragwa, irasubira iragwa, isi irengerwa n’amazi nk’uko Yehova yari yarabivuze!​—Ita. 7:16-21.

23. (a) Tuzi gute ko Yehova atahimbawe no kubona abantu b’ababisha bo mu gihe ca Nowa bapfa? (b) Kubera iki ari ikintu kiranga ubukerebutsi kwigana ukwizera kwa Nowa muri iki gihe?

23 None Yehova yoba yarahimbawe no kubona abo bantu b’ababisha bahona? Habe na buhoro! (Ezk. 33:11) Ahubwo riho, yari yarabahaye umwanya uhagije wo guhindura ingendo bagakora ivyari bigororotse. Boba none bari bashoboye guhindura ingendo? Uburyo Nowa yabayeho bwaratanze inyishu y’ico kibazo. Mu kugendana na Yehova, akumvira iyo Mana yiwe muri vyose, yarerekanye yuko abo bantu na bo nyene bari gushobora kurokoka. Muri ubwo buryo, ukwizera kwa Nowa kwaratsindishije isi yo mu gihe ciwe; kwarashize ahabona ububisha bw’abantu bo muri ico gihe. Ukwizera kwiwe kwatumye we n’umuryango wiwe barokoka. Niwigana ukwizera kwa Nowa, hari aho nawe worokora ubuzima bwawe be n’ubw’abawe. Nk’ukwo kwa Nowa, urashobora kugendana na Yehova Imana, akakubera Umugenzi. Kandi ubwo bugenzi, burashobora kuba ubw’ibihe bidahera!

^ ing. 7 Abantu b’ico gihe bararamba cane gusumba ab’ubu. Biboneka ko baramba cane gutyo kubera ko igihe babayemwo cari cegereye cane ico Adamu na Eva babayemwo, bano bakaba bari batunganye kandi bafise inkomezi zitagira akanenge imbere y’uko bacumura.

^ ing. 15 Lameki yise umwana wiwe Nowa, iryo zina rikaba rishobora kuba risobanura ngo “Akaruhuko” canke “Uruhoza,” yongera avuga yuko Nowa yoshikije insobanuro y’izina ryiwe, kuko biciye kuri we abantu boruhuriwe igikorwa kiruhisha co kurima ubutaka bwavumwe. (Ita. 5:28, 29) Lameki yarinze apfa ubuhanuzi yavuze butararanguka. Nyina wa Nowa, bene wabo na bashiki we bashobora kuba bahitanywe n’Umwuzure.