ICIGWA CA 56
Nuzigame ubumwe mw’ishengero
Igihe turi kumwe n’abo dusangiye ukwemera, twiyumva nk’uko Umwami Dawidi yiyumva, uwavuze ati: “Ese ukuntu ari vyiza kandi bihimbaye ko abavukana babana mu bumwe!” (Zaburi 133:1) Ubwo bumwe ntibwizana. Umwumwe wese mu bagize ishengero arakenera kugira ico aterereye.
1. Ni ikintu kidasanzwe ikihe cibonekeza mu basavyi b’Imana?
Igihe witavye ikoraniro mu kindi gihugu, vyoshika ntutahure ururimi ruhavugwa. Ariko ntikibuza ko wumva wisanze. Kubera iki? Ni kubera ko twese twiga Bibiliya dukoresheje ibitabu bimwe kw’isi yose. Kandi turihatira gukundana. Aho twoba tuba hose, ‘turambaza izina rya Yehova, kugira ngo tumukorere duhuje inama.’—Zefaniya 3:9.
2. Ni igiki wokora kugira uzigame ubumwe?
“Mukundane cane bivuye ku mutima.” (1 Petero 1:22) Woshira mu ngiro gute iyo mpanuro? Aho kwibanda ku tunenge tw’abandi, niwibande kuri kamere nziza bafise. Aho kwifatanya gusa n’abantu mufise ivyo muhuriyeko, nugerageze kumenya abavukanyi na bashiki bacu mutabona ibintu kumwe. Vyongeye, turashobora gukora ukwo dushoboye kwose kugira ngo twirinde kwinuba abandi.—Soma 1 Petero 2:17. a
3. Wokora iki bishitse hakaba ivyo mudahurizako n’uwo musangiye ukwemera?
Naho twunze ubumwe ntidutunganye. Birashika hakaba ukudahuza hagati yacu canke hakaba uwubabaza uwundi. Ku bw’ivyo, Ijambo ry’Imana ritubwira riti: “Mubandanye . . . kubabarirana.” Rica ryongerako riti: “Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mugenze mutyo.” (Soma Abakolosayi 3:13.) Turababaza Yehova akatari gake ariko aguma atubabarira. Rero yiteze ko tubabarira abavukanyi bacu. Nimba hari uwo wababaje, nugire ico ukoze kugira mwumvikane.—Soma Matayo 5:23, 24. b
TWINJIRE MU MIZI
Nurabe ingene wogira ico uterereye kugira ngo mw’ishengero harangwe ubumwe n’amahoro.
4. Niwirinde kwinuba abandi
Twipfuza gukunda abavukanyi bacu bose. Ariko vyoshika bikatubera urugamba kwiyumvamwo umuntu tutabona ibintu kumwe. Ni igiki none codufasha? Nimusome Ivyakozwe 10:34, 35, muce muganira kuri ibi bibazo:
-
Yehova aremera ko abantu b’uburyo bwose baba Ivyabona vyiwe. None womwigana gute mu bijanye n’ingene ubona abantu mutameze kumwe?
-
Aho ubaye, ni ibintu ibihe wipfuza kwirinda bituma abantu binubana?
Nimusome 2 Abakorinto 6:11-13, muce muganira kuri iki kibazo:
-
Ubona wokwiyegereza gute abavukanyi na bashiki bacu mutabona ibintu kumwe?
5. Nubabarire cane wongere wumvikane n’abandi
Yehova yama atubabarira naho we ata makosa akora ku buryo natwe twokenera kumubabarira. Nimusome Zaburi 86:5, muce muganira kuri ibi bibazo:
-
Yehova ababarira ku rugero rungana gute?
-
Kubera iki ukenguruka imbabazi ziwe?
-
Ni ibintu ibihe vyoshobora gutuma bitugora guhuza n’abandi?
Twokwigana gute Yehova kandi tukazigama ubumwe dufitaniye n’abavukanyi bacu? Nimusome Imigani 19:11, muce muganira kuri iki kibazo:
-
Hagize uwukubabaza, wokora iki kugira musubize hamwe?
Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:
Birashika tukababaza abandi. None ivyo bibaye, twokora iki?-
Muri iyo videwo, ni igiki uwo mushiki wacu yakoze kugira azigame amahoro?
6. Nubone iciza mu bavukanyi bacu
Uko turushiriza kumenya abavukanyi bacu, ni ko tumenya ibintu vyiza bibaranga hamwe n’utunenge twabo. Ni gute none twokwibanda kuri ivyo bintu vyiza? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:
-
Ni igiki cogufasha kubona iciza mu bavukanyi?
Yehova yibanda ku ciza atubonamwo. Nimusome 2 Ngoma 16:9a, muce muganira kuri iki kibazo:
-
Kumenya ko Yehova yibanda ku ciza akubonamwo, bituma wiyumva gute?
HARI ABAVUGA BATI: “Imbere y’uko mbabarira umuntu, ategerezwa kugira ico akoze ngo anyereke yuko ashaka ko ndamubabarira.”
-
Kubera iki dukwiye kwihutira kubabarira abandi?
INCAMAKE
Urashobora kugira ico uterereye kugira uzigame ubumwe mw’ishengero mu kubabarira abavukanyi bawe no mu kubereka ko ubakunda.
Wize iki?
-
Wokwirinda gute kwinuba abandi?
-
Wokora iki igihe hari ico mudahurizako n’umuvukanyi wawe?
-
Kubera iki wipfuza kwigana akarorero ka Yehova ko kubabarira abandi?
RONDERA N’IBINDI
Nurabe kimwe mu bigereranyo Yezu yatanze gishobora kugufasha kwirinda gutora amahinyu abandi.
Twoba dukwiye gusaba imbabazi kandi ata kosa twakoze?
“Gusaba Imbabazi, Ni Inzira yo Kugiriranira Amahoro n’Abandi” (Umunara w’Inderetsi, 1 Munyonyo 2002)
Nurabe ingene abantu bamwebamwe bize kutinuba abandi.
Nurabe ingene wotorera umuti ingorane ufitaniye n’uwundi muntu imbere y’uko zihungabanya amahoro mw’ishengero.
“Nutunganye ingorane mu rukundo” (Umunara w’Inderetsi, Rusama 2016)
a Akajambo ko ku mpera ka 6 karerekana ukuntu urukundo rutuma abakirisu birinda gukwiragiza indwara zandukira.
b Akajambo ko ku mpera ka 7 karerekana ukuntu twotorera umuti ingorane zijanye n’urudandaza hamwe n’ibijanye no kwitura sentare.