Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 32

Dushikame, ntitunyiganyige!

Dushikame, ntitunyiganyige!

(1 Abakorinto 15:58)

1. Ub’amahanga yagiz’ubwoba.

Abantu baratiny’ibizoba.

Dushikame rero, dukomere,

Iyi s’igir’ihere.

(ICITABIRIZO)

Dushaka gushikama

Isi tukayiyama,

Tugasoma muri rya Jambo ry’ukuri.

2. Imitego mw’isi iruzuye;

Twirinde, tube abatanduye.

Yehova tugumye tumwumvira,

Azotwizigamira.

(ICITABIRIZO)

Dushaka gushikama

Isi tukayiyama,

Tugasoma muri rya Jambo ry’ukuri.

3. Mu gusenga twebwe tuzokwama.

Dukor’igikorwa c’Umukama.

Ya nkuru twame twayitangaje;

Iherezo riraje.

(ICITABIRIZO)

Dushaka gushikama

Isi tukayiyama,

Tugasoma muri rya Jambo ry’ukuri.

(Raba kandi Luka 21:9; 1 Pet. 4:7.)