Ururirimbo 25
Ikiranga abigishwa b’ukuri
1. Har’itegeko twokwumvira
Tukabaho twijukira.
Ni ryo Kristu yatwigishije
Ni na vyo bishimishije.
Ni rwa rukundo yerekanye
Mu kwitang’adahumanye.
Twisunge nya karorero kiwe,
Ngo tub’abigishwa biwe.
2. Urukundo rwo ntiruvaho.
Abahuha ruritaho.
Ni rwo rukwiye kuturanga,
Tukab’abantu bitanga.
Nta handi har’abakundana
Nk’ukw’abo bandi babana.
Twame rer’urwo rukundo cane.
Ego, muze turwamane.
(Raba kandi Rom. 13:8; 1 Kor. 13:8; Yak. 2:8; 1 Yoh. 4:10, 11.)