Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 130

Ubuzima ni igitangaro

Ubuzima ni igitangaro

(Zaburi 36:9)

1. Umwan’avutse, ima ry’imvura,

Akazuba, ihundo—Bihishura

Kw’ar’ingabire z’Umw’ahoraho,

Kw’ibitangaro vyiwe bitubeshaho.

(ICITABIRIZO)

Twerekane gute yuko dushima?

Dukorer’Umuremyi yatanz’ubuzima.

Ivyo twagabiwe, s’ikintu twe twoca.

Ubuzima koko ni igitangaro.

2. Ku kwihebura, kuber’intuntu,

Har’abovuga nk’umwe muka Yobu.

Twe si ko biri. Twama dushima

Akanya kose tuba turi bazima.

(ICITABIRIZO)

Twerekane gute yuko dushima?

Dukunde abandi bivuye ku mutima.

Ivyo twagabiwe, s’ikintu twe twoca.

Ubuzima koko ni igitangaro.