Tworoshe ubuzima
Voma:
1. Ibikayangana tubona
Is’ivuga ngo birahambaye.
Ariko tuvyiruts’inyuma—
Vyohava bitwifatira.
(ICITABIRIZO)
Tworoshe rero
Ubuzima turimwo.
Nitubworoshe duhimbarwe.
Ivyo bituma
Twama mu munezero.
Muze tworoshe ubuzima.
2. Turafise aho kuba,
Be n’ivyo dufungura.
Turetse ivyo bikatubumba,
Bizoduh’umunezero.
(ICITABIRIZO)
Tworoshe rero
Ubuzima turimwo.
Nitubworoshe duhimbarwe.
Ivyo bituma
Twama mu munezero.
Muze tworoshe ubuzima.
(INTEGUZA)
Twe tuzohezagirwa.
Imana ntizoduta
Kukw’iradukunda,
Rer’izodukomeza.
Twame tuyizera.
3. Kworosh’ubuzima biraryoshe.
Bituma twumva dutekaniwe.
Biraturinda amaganya
N’Imana tukayih’umwanya.
(ICITABIRIZO)
Tworoshe rero
Ubuzima turimwo.
Nitubworoshe duhimbarwe.
Ivyo bituma
Twama mu munezero.
Nitubworoshe.
(ICITABIRIZO)
Tworoshe rero
Ubuzima turimwo.
Nitubworoshe duhimbarwe.
Ivyo bituma
Twama mu munezero.
Muze tworoshe ubuzima.